Our Common Bond – Kirundi - Department of Immigration and

Transcription

Our Common Bond – Kirundi - Department of Immigration and
Igice ca 4
Australiya ya none
Australiya n’imwe musi zishaje cane.
N’ igihugu kigira 6 mu bunini kw’isi.
38
Ubwenegihugu bwa Australiya: Igihuza abanyagihugu
Australiya ya none
Muri izi mpapuro uraja kwiga igitumye Australiya iba igihugu kidasanzwe. Uraza kwiga ivyerekeye umuco w’iki
gihugu cacu, ubuhinga bwo gutora ibintu bishasha, nibuturanga. Tugereranije kw’isi yose, Australiya n’igihugu
gikerebutse cane mu rudandaza no mu gukomeza ubucuti n’abandi badandaza kandi kikaba igihugu gifise
icubahiro kw’isi. Turashima cane ibikorwa vy’iterambere abimukira bashasha bazana mu gihugu cacu c’iterambere.
Isi
Australiya irisa mu nzira nyishi. Mu bihugu bininibini (continents) 7 bigize isi, Australiya niyo yonyene yabaye mu
bukoloni bw’igihugu kimwe. Dufise abantu bake cane mw’isi nzima, abantu 2 gusa ku kilometerokare.
Australiya ni imwe mu si zishaje cane. Ni igihugu kigira 6 mu bunini mw’isi yose. Irafise kandi igice kinini cumye
kitabamwo abantu, mu bice vyinshi vya Australiya amazi aragoye kuboneka canke arazimvye cane.
Igice kinini c’isi gifise ivu ridafise uburyohe ku biterwa, ibice 6% nivyo vyonyene bifise isi irimwo intabira kama. Ivyo
bice vyumye cane bavyita “outback”. Abantu baba kandi bakorera muri ivyo bice barubahwa cane. Benshi muri bo
babaye nkaho bobagize akaranga ka Australiya.
Kubera Australiya ari igihugu kinini, ibihe birahindagurika cane bivanye n’igice umuntu aba mwo. Mu majaruguru
haruma ariko atari cane n’ubugaragwa hagati.
Mu bumanuko, ibipimo birahindagurika urushana rurimwo urubura mu mitumba hamwe rero n’ubushuhe bwinshi
cane muci.
Turetse za ntara zitandatu n’ibice bikukira intara bibiri, Leta ya Australiya irongoye kandi izi ntara ntoyi zikwirikira:
Ashmore na Cartier Islands, Christmas Island, Cocos (Keeling) Islands, Jervis Bay Territory, Coral Sea Islands, Heard
Island na McDonald Islands muri Antarctic Territory ya Australiya hamwe n’izinga bita “Norfolk Island”.
Igice ca 4 - Australiya ya none
39
Ibibanza vy’isi birimwo iragi ry’abasokuru
Ibabanza birenga 11kw’ijana mu isi bikingiwe n’Abasangwabutaka, ibibira canke amashamba cimeza
bibungwabungwa hakurikijwe amategeko mpuza makungu akingira ibibira n’amashamaba cimeza. Ibibanza
cumi n’indwi vya Australiya biri ku rutonde rwa akahise bakingira vy’ ishirahamwe ry’isi bita “the United Nations
Educational, Scientific and Cultural Organization (UNESCO)”.
40
Australian Fossil Mammal Sites muri South
Australia na Queensland
Gondwana Rainforests yo muri New South
Wales na Queensland
Kakadu National Park muri Northern Territory
Fraser Island yo mu nkengera ya mu
bumanuko bwa Queensland
Great Barrier Reef muri Queensland
Lord Howe Island mu nkengera of New
South Wales
Greater Blue Mountains mu burengero bwa
Sydney
Heard Island na McDonald Islands muri
Australian Antarctic Territory
Macquarie Island yo muri Tasmania yo mu
bumanuko
Ubwenegihugu bwa Australiya: Igihuza abanyagihugu
Purnululu National Park muri
Western Australia
Inzu ya Sydney Opera House
Wet Tropics ya Queensland
Royal Exhibition Building na Carlton
Gardens muri Melbourne
Tasmanian Wilderness
Willandra Lakes muri New South Wales
Turaguhimiriza ko wotomoza
neza Australiya mugutemberera
izo ntara n’ ibindi bimenyetso
biteye imbere. Urashobora
gutembera mu bugaragwa, ku
nkengera y’amazi, mu misozi,
amashamba cimeza. Intambwe
yose utera igutuma wegera cane
kuri ubu butaka bunini cane
kandi irimwo ibintu vyinshi.
Shark Bay muri Western Australia
Uluru-Kata Tjuta National Park muri bice vya
Northern Territory
Igice ca 4 - Australiya ya none
41
Igihugu cagutse cane
Ubwaguke bwa Australiya bwatumye batora
ibintu bishasha.
Mumisi yambere, abantu baja hagati y’igihugu,
kenshi bategerezwa kumara iminsi kugira babone
umuganga. Abana benshi bo mu mashamba baba
kure cane y’amashule.
Vyari bigoye cane ku bantu baba hagati
y’igihugu. Amafereme yashobora kuba angina
n’ibirometero vyinshi. Abagore n’abana bahaba
bashobora kumara iminsi myinshi batabonye
uwundi muntu. Nta telephone zariho, abantu rero
babona ko bari mugahinga kandi atamahoro.
Ingorane nyinshi zaratorewe umuti n’abanya
australiya b’icabwenge kandi bibihangange mu
gutora ibintu bishasha.
Ico bita “The pedal radio”
Mu mwaka was 1929, Alfred Traegar, wo muri
Adelaide, ni ho yakora iradiyo yambere ikoreshwa
n’amaguru kugira ironke umuriro wokuvuga.
Bene ayo maradiyo bashobora kuguma
bayumviriza mu kunyonga n’amuguru yabo
amapedale. Ubwo buryo bushasha bwarafashije
imihana yibana, amashirahamwe akorera hagati
y’igihugu n’abanyagihugu b’Abasangwabutaka
(Aborigenes). Iyo radiyo yatumye abakenyezi
bibana bonyenye bashobora kuronka abagenzi.
Ishirahamwe ryitwa
“The School of the Air”
Gushika mu myaka ya 1950, abana baba
ahagoye gushika bategerezwa kuba ku mashule
afise uburaro canke bakiga biciye mu buryo
bw’amakete.
Adelaide Miethke, Icegera ca President (Vice
President) wa Royal Flying Doctor Service mu ntara
ya Australiya yo mu bumanuko (South Australia),
yasanze ishirahamwe bita “Flying Doctor radio
service“ ryofasha abana kuganira kw’iradiyo n’
abigisha babo i muhira. Ishirahamwe ryitwa Alice
Springs service batanguye gukoresha iyo radiyo mu
nyigisho guhera mu mwaka wa 1948. Ishule bise
School of the Air ryaciye ritangura kama gukora
mu myaka mike yakwirikiye. Ishule rya Australiya
bita “School of he Air” yarafashije kandi ibindi
bihugu vyinshi gutanguza amaporogarumu nkayo.
Ya radiyo yakera ubu yasubiriwe n’amaradiyo
tuzi, ariko amashirahamwe “Royal Flying Doctor
Service” ya Australiya na ”the School of the Air“
arabandanya afasha abantu baba mu ntara zo
hagati y’Australia.
Iyo radio bise ”Pedal radio” yatumye habona
amashirahamwe abiri akomeye cane ya Australiya,
ariyo bita “the Royal Flying Doctor Service“ na
“the School of the Air”.
Ishihirahamwe ryitwa
“The Royal Flying Doctor Service”
Reverend John Flynn yaba kandi yakorana
n’amakominoti yo hagati y’igihugu. Ico yashaka
kwari ukuzana abaganga mu ndege hagati
mu gihugu kuvura abasinzikaye. Yararonse
imfashanyo ya Leta, ya ishirahamwe Qantas
n’ayandi mashirahamwe afasha. Ishirahamwe
“Royal Flying Doctor Service” ryatanguye mu
1928 ariko hari hakiri abantu mu gihugu hagati
batashobora kuyihamagara. Umuzo w’iyo radio
yatumye abantu bari mu birere vyakure bashobora
guhamagara umuganga bitabanje guteba.
42
Ubwenegihugu bwa Australiya: Igihuza abanyagihugu
Hari abana bagikoresha ya radiyo bita “School of the Air” mu ntara
ya New South Wales
Akaranga ka Australiya
Akaranga k’Australiya kagizwe n’iragi twisangije, imico yacu, n’ubukerebutsi bw’abanyagihugu bacu.
Inkino zo kunonora imitsi n’ukwinereza
Abanyaustraliya nka bose barakunda inkino zo
kunonora imitsi kandi benshi barabaye rurangiranwa
kw’isi.
Turahimbazwa cane n’ukuntu turi igihugu two
kwita “good sports” (inkino nziza). Abanyaustraliya
b’abagabo n’abakenyezi barateye igomwe baka
bafatwa nk’abaserukira igihugu cacu mu makungu
kubera umwete wabo, umutima bakinana n’ingene
bakorera hamwe.
Twihweje kahise kacu, inkino zaratumye Abanya
Australiya bamenyekana kandi vyarafashije kwunga
ubumwe bwacu. Kuva abantu batanguye kwimuka,
inkono zarafashije kwibagira ibihe bigoye. No mu
ntambara, abasirikare barategura inkino kugira
biyibagize ivyo babona k’urugamba.
Inkino kandi n’ikuntu abakinyi n’abarorezi bahurirako
bakiyumvamwo ko hari co basangiye kandi gihambaye
cane k’ubizima bwa Australiya.
Abanyaustraliya benshi baritaba inkino. Izizwi cane
nazo ni nka “Cricket, basketball, netball, hockey na
football”.
Ian Thorpe, yaronse umudari w’inzahabu incuro zitanu mu mahiganwa
y’isi bita “Olympic”
Kwoga, Tenis, athletics, golf n’ukunyonga ikinga biri
mu nkino zizwi cane. Hari n’inkino Abanyaustraliya
baba mu bambere kw’isi yose. Izindi nkino zo
kunonora imitsi zizwi neza n’izobita “bushwalking,
surfing na skiing”.
Abanyaustraliya barakunda gukina no kurorera urukino
rw’amaguru Football (ariyo bita soccer), “rugby
league, rugby union na Australian Rules football.” Ico
bita Aussie Rules n’urukino ruzwi gusa muri Australiya.
Australiya irahimbawe cane n’ingene yamenyekanye
kw’isi yose mu rukino bita “Cricket”. Abakinyi ba
“cricket” b’Abanyaustraliya be n’Abongereza bamye
bahiganwa bikomeye kuva mu kinjana ca 19.
Igikombe bita “The Melbourne Cup” “Urukino
ruhagarika igihugu” iri mu nkino zishemeye kandi
zihambaye z’ugusiganwa kw’amafarasi zo kw’isi yosi.
Urukino rwa mbere rwa “Melbourne Cup” rwabaye mu
mwaka wa 1861. Umusi wa kabiri utangura w’ukwezi
kwa Munyonyo, umunsi wahariwe “Melbourne Cup”
wabaye umunsi w’akaruhuko mu ntara ya Victoriya
kuva muri 1877.
Umunywanyi w’umurwi bita “Australian Women’s National Football”
Igice ca 4 - Australiya ya none
43
Sir Donald Bradman (1908 – 2001)
Sir Donald Bradman niwe mu kinyi wambere wa ‘cricket’ gushika uno munsi
kandi yabaye Umunyaustraliya rurangiranwa mu nkino.
Donald Bradman yakuriye I Bowral, New South Wales, hanyuma akina ubwa
mbere muri murwi w’Abanyaustraliya mu mwaka wa 1928.
Yari mutomuto ariko akabanguka bitangaje. Aho yaja mu bw’Ubwongereza
ubwambere muri 1930, yatsinze amahiganwa nka yosi. Ku myaka 21 yaramaze
kuba Umunyaustraliya rurangiranwa.
Mu rukinwo rwa nyuma umwaka 1948, umurwi wiwe waciye umenyekana
bawutazira “Rudatsindwa” (The Invincibles), kubera batigeze batsindwa
m’urukino na rumwe bakinye n’Ubwongereza.
Sir Donald Bradman, batazira ‘The Don’, azwi nk’umukinyi wa mbere wo kwisi. Amanota yaronka yari
99.94.
Ubuhinga
Australiya irafise ubuhinga buhimbaye cane burimwo
akaranga k’igihugu k’Abasangwabutaka n’ imico
itandukanye y’abimukira. Ubuhinga bwose turabisha
amaso canke bakina, haba ivyerekeye amasinema,
ubuhinga, amateyatere, indirimbo n’intambo tubikesha
ababa aha no mu bihugu vyo hanze.
Inyandiko
Australiya irafise akaranga gakomeye mu nyandiko
n’uguhana inkuru bika ba vyatanguranye n’imigani
yacibwa n’Abansangwabuta ba Australiya, ivyo
vyarabandanijwe n’inkuru abanyororo baza barashikiriza
mu gihe bashika mu mpera z’ikinjana ca 18.
Inyandiko za mbere z’Abanyaustraliya zerekeye
ishamba n’amagorwa baboneye muri ico gihe.
Abanditsi nka Henry Lawson na Miles Franklin banditse
ivyivugo n’imigani yerekeye ishamba n’ubizima bw’
Umunyaustraliya.
Patrick White, umwanditsi w’Umunyaustraliya, yaronse
agashimwe kitiriwe bita ”Nobel Prize” mu kwandika
ibitabo mu mwaka wa 1973. Abandi banditsi
b’Abanyaustralia nkuwo ni Peter Carey, Colleen
McCullough na Tim Winton.
44
Ubwenegihugu bwa Australiya: Igihuza abanyagihugu
Judith Wright (1915 – 2000)
Judith Wright yari
umwanditsi ahambaye
cane, aharanirira
uburenganzira
bw’Abasangwabutaka
(Aboriginal rights).
Niwe mwanditsi
akundwa cane
w’Umunyaustraliya.
Arerekana urukundo
afitiye Australiya
n’abanyagihugu
mu nyandiko ziwe.
Yarahawe udushimwe twinshi harimwo n’utwo
bita ”Encyclopaedia Britannica Prize” mu
kwandika na ”the Queen’s Gold Medal” ku vyose
yanditse. Yari mu murwi w’amakomite yitwa ”the
Australian Conservation Committee” na “the
Aboriginal Treaty Committee”.
Judith bamwibukira k’ubukerebutsi bwiwe ka
mwanditsi w’ibitabo n’ingene yateje imbere
ibintu vy’ibitabo, ibidukikije n’amategeko
mashasha araba imibano.
Amateyatere n’amasinema
Umunyaustraliya arakina, agafotora ibijanye
n’amasinema kandi abakora amasinema barahabwa
agateka kandi bagakundwa n’abaha canke abo hanze.
Abakinyi b’isinema b’Abanyaustraliya nk’akarorero
Cate Blanchett na Geoffrey Rush, hamwe n’abategura
amasinema nk’uwitwa Peter Weir bararonse udushimwe
twisi yose kubera ubudasa bw’amasinema yabo.
Ubuhinga
Ibikorwa vy’ubuhinga vyemewe vya Australia ni
ibishushanyo vyerekana Abanyabutaka hamwe
n’ibishusho vyerekana ivyabereye mu mashamba mu
kinjana ca 19 vy’abahinga nka Tom Roberts, Frederick
McCubbin na Arthur Streeton. Mugice c’ikinjana
ca 20, abahinga Russell Drysdale na Sidney Nolan
barashushanije mw’irangi rizize ryirabura ubugome
bwo mu ntara zibamwo abantu bake. Ubu bwa vuba,
Brett Whiteley yarakomewe amashi n’amakungu
kubera ubuhinga yisangije kandi bukora ku mutima.
Umuziki n’intambo
Abanyaustraliya barasanganiye kandi barigaragaje
mu bice vyose vy’umuziki kandi barazwi mu
makungu kubera intererano yabo mu muziki wa kera,
umuziki w’ivyino z’ikinyamerika hamwe n’umuziki
wa roke. Umuziki wemewe ningoga, w’agahogo
k’ikinyaustralia, ni urya wa didgeridoo, igicurarangisho
ca kera ca Benagataka ba Australia.
Intambo y’Australiya yarateyimbere bishemeye
bivuye kw’ishaka ry’abatamvyi bakomeye n’abandi
nkabo akarorero koba nk’abashingantahe Sir Robert
Helpmann, Meryl Tankard na Stephen Page.
Ubuhinga bwatwowe mu bumenyi bwa
none n’ugutora ibintu bishasha
Abanyaustraliya barafise ibintu bikomeye vyinshi mu
bumenyi kandi bari imbere mu vyerekeye ubuvuzi,
ubuhinga bwa none, uburimyi, ukwimba ubutare
hamwe n’uguhingura.
Abanyaustraliya cumi barahawe agashimwe kitiriwe
Nobel mu vy’ubumenyi bwa none hamwe no mu
gutora ivy’ubuvuzi bishasha.
Abagize ivyo bashikako mu vy’ubumenyi bwa none
barongeye bararonka ishimwe ryitwa Umunyaustraliya
w’umwaka. Muri 2005, agashimwe kahawe Professor
Fiona Wood we yateje imbere umuti w’uguhuhera ku
mibiri y’abantu bahiye. Muri 2006, agashimwe kahawe
Professor Ian Frazer we yateje imbere urukingo rwa
kanseri yo mu mutwe. Muri 2007, agashimwe kahawe
Professor Tim Flannery, umuhinga ahambaye mu
vy’ibidukikije.
Uyobora abaririmbyi aherutse kuronka ubunyagihugu ariwe Vladimir
Verbitsky hamwe na orkestre yitwa ”Western Australian Symphony
Orchestra”.
Professor Fred Hollows
(1929 – 1993)
Professor Fred Hollows
yari umuganga
yihebeye ivyo kuvura
amaso (eye doctor),
we yafashije abantu
barenga umuliyoni
umwe muri Australia
no mu bihugu bikiri
mu nzira y’amajambere
gusubira kubona neza.
Fred Hollows yavukiye
muri New Zealand.
Mu 1965, yimukiye muri Australia, munyuma aba
umukuru w’igisata c’amaso mu bitaro vyo muri
Sydney.
Yaremera cane ubungane bw’abantu kandi
yarafashije gushiraho urwego rwo kubungabunga
amagara y’Abasangwabutaka.Ubu hari ibigo 60
muri Australia.
Gushika mu 1980, Fred Hollows yatembera isi yose
gufasha gushiraho programu y’amaso mu bihugu
bitaratera imbere. Yabaye umwenegihugu wa
Australia muri Ndamukiza 1989.
Igikorwa ciza ca Professor Hollows kibandanywa
n’umukenyezi wiwe Gabi hamwe n’ishirahamwe
rya Fred Hollows (Fred Hollows foundation).
Professor Wood na Professor Frazer bose bimukiye
muri Australia bavuye mu Bwongereza. Uwafatanije na
Professor Frazer mu kwiyumvira ibintu yari umuhisi Dr
Jian Zhou yimutse ava mu Bushinwa kandi yaciye aba
umwengihugu wa Australia.
Igice ca 4 - Australiya ya none
45
Abanyaustraliya b’Umwaka.
Kuva mu 1960, agashimwe k’Umunyaustralia w’umwaka gahimbaza ivyashitsweko hamwe n’uruhara rwagizwe
n’abarongoye Australia. Uw’ari we wese arashobora kugena Umunyaustralia mu rwego urw’ari rwo rwose
rw’ubuzima kugirango aronke ishimwe. Abanyaustralia b’umwaka ni abantu bigaragaje mu bikorwa vyabo kandi
bakoreye igihugu.
Muri 2009Professor Michael Dodson AM
yabaye
Umurongozi w’Abasangwabutaka
Mu 1995
yabaye
Arthur Boyd AC OBE
Umunyamyuga
Muri 2008 Lee Kernaghan OAM
yabaye Umuririmvyi, umunyamuziki
n’uwanditse ururirimbo
”Pass the Hat Around” Tours
Mu 1994
yabaye
Ian Kiernan OAM
Uwahimirije gusukura Australia
“Clean Up Australia”
Mu 1992
yabaye
Mandawuy Yunupingu
Umurongozi w’Abasangwabutaka
Mu 1991
yabaye
Archbishop Peter Hollingworth AO
OBE
Uwuburanira abantu mu butungane
bujanye n’ivy’imibano
Mu 1990
yabaye
Professor Fred Hollows AC
Umuhinga mu vy’amaso
Mu 1989
yabaye
Allan Border AO
Umukuru w’urukino rwa Cricket
Muri 2004 Steve Waugh
yabaye Umukuru w’urukino rwa Cricket
akaba n’uwitaho agateka ka muntu
Mu 1988
yabaye
Kay Cottee AO
Umugore wa mbere mu gusoza
ubwato
Muri 2003 Professor Fiona Stanley AC
yabaye Umuganga w ‘abana akaba
n’umuhinga mu vy’indwara z’ikiza
Mu 1987
yabaye
John Farnham
Umuririmvyi n’umwanditsi
w’indirimbo
Muri 2002 Patrick Rafter
yabaye Umunyamerika yabaye uwambere mu
rukino rwa Tennis akaba n’uwashinze
ishirahamwe ryitaho abana ‘Cherish
the Children Foundation’
Mu 1986
yabaye
Dick Smith
Umushakashatsi kandi agafashisha
abandi amahera
Mu 1985
yabaye
Paul Hogan AM
Umukinyi w’isenema
Mu 1984
yabaye
Lowitja O’Donoghue CBE AM
Uwurongoye Abasangwabutaka
Mu 1983
yabaye
Robert de Castella MBE
Uwambere kw’isi mu kwiruka ico bita
“Marathon”
Mu1982
yabaye
Sir Edward Williams KCMG KBE
Komiseri w’umurwi w’icami wa
Australia
Komiseri atohoza ibiyovyabwenge
Mu 1981
yabaye
Sir John Crawford AC CBE
Uwujejwe ivy’ubwubatsi mu co bise
”Australia’s Post-War Growth”
Mu 1980
yabaye
Manning Clark AC
Umuhinga mu vy’akahise
Muri 2007 Professor Tim Flannery
yabaye Umuhinga, Umwanditsi w’ibitabu
kandi ari mu mugwi w’abantu
batifuza ko ibintu vyohinduka
Muri 2006 Professor Ian Frazer
yabaye Uwutanga incandago mu mavuriro
Muri 2005 Professor Fiona Wood AM
yabaye Umuganga atera inyama
ahakomeretse akaba ari n’umuhinga
mu vy’ubushe
Muri 2001 Liyetena Jenerali Peter Cosgrove AC MC
yabaye Umukuru w’ingabo za Australia muri
2000-2002
Muri2000
yabaye Sir Gustav Nossal AC CBE FAA FRS
Umushakashatsi mu vy’ubuzima
Muri 1999 Mark Taylor
yabaye Umukuru w’urukino rwa Cricket
Muri 1998 Cathy Freeman
yabaye Umunonotsi wa mbere wo mu nkino
z’isi yose akaba n’ uwuserukira
Abasangwabutaka
46
Mu 1997 yabaye
Professor Peter Doherty
Uwaronse agashimwe kitiriwe Nobel
mu vy’ubuvuzi
Mu 1996 yabaye
Doctor John Yu AM
Umuganga w’abana
Ubwenegihugu bwa Australiya: Igihuza abanyagihugu
Ivyo bashitse ko bidutuma twiyumvira ibindi twoshobora gukora kugira ngo tugire ico duterereye igihugu cacu
kinini. Muri iki gihe ubushimwe bujamwo n’urwaruka rwa Australia rw’umwaka, Abahumura ba Australia
b’umwaka hamwe n’intwari za Australia z’aho uherereye.
Mu 1979* Senator Neville Bonner AO
yabaye
Umukenguzamateka wa mbere
w’Umusangwabutaka
Mu 1979* Harry Butler CBE
yabaye
Uwo mu mugambwe w’abadashaka
ko ibintu bihinduka kandi yitaho
amashamba n’ibirimwo
Mu 1978* Alan Bond
yabaye
Umugwizatunga
Mu 1978* Galarrwuy Yunupingu AM
yabaye
Uwurongoye Abasangwabutaka
Mu1977*
yabaye
Sir Murray Tyrrell KCVO CBE
Umunyamabanga mu biro kwa
Bulamatari Mukuru
Mu 1977* Dame Raigh Roe DBE
yabaye
Umurongozi w’urunani rw’abagore
bo mu gihugu hagati
Mu 1976
yabaye
Sir Edward ‘Weary’ Dunlop AC CMG
OBE
Muganga abaga mu gisirikare
Mu 1975* Sir John Cornforth AC CBE
yabaye
Uwaronse agashimwe kitiriwe Nobel
mu cigwa bita Chemistry
Mu 1975* Major General Alan Stretton AO CBE
yabaye
Komanda wa Darwin mu gikorwa
co kuzana agahengwe inyuma
y’igihuhusi bise “Tracy”
Mu 1974
yabaye
Sir Bernard Heinze AC
Umuyobozi w’indirimbo
n’umuririmvyi
Mu 1973
yabaye
Patrick White
Uwaronse agashimwe kitiriwe Nobel
mu vy’indimi
Mu 1972
yabaye
Shane Gould MBE
Igihangange mu nkino z’isi yose mu
kwoga
Mu 1971
yabaye
Evonne Goolagong Cawley AO MBE
Uwambere kw’isi mu vyo bita
“Wimbledon na French Open Tennis
Champion”
Mu 1970
yabaye
Nyen’icubahiro Cardinal Sir Norman
Gilroy KBE
Umukardinali wa mbere w’imvukira
yo muri Australia
Mu 1969
yabaye
The Rt Hon Richard Gardiner Casey
Baron wa Berwick, Victoria n’uwo mu
gisagara ca Westminister KG GCMG CH
Bulamatari Mukuru wa Australia mu
1965-69
Mu 1968
yabaye
Lionel Rose MBE
Umukubitanyi wa mbere w’ingumu
kw’isi
Mu 1967
yabaye
The Seekers
Umurwi w’umuziki
Mu 1966
yabaye
Sir Jack Brabham OBE
Uwa mbere kw’isi mu gusiganwa
kw’ipikipiki
Mu 1965
yabaye
Sir Robert Helpmann CBE
Umukinyi w’ivyese, umutamvyi n’umu
Mu 1964 yabaye
Dawn Fraser MBE
Uwa mbere mu nkino z’isi yose mu
vyo kwoga
Mu 1963
yabaye
Sir John Eccles AC
Uwaronse agashimwe kitiriwe Nobel
mu vy’ubuvuzi
Mu 1962
yabaye
Alexander ‘Jock’ Sturrock MBE
Uwatwaye igikombe ca Amerika mu
vyo gusimbagurika umugozi
Mu1961
yabaye
Dame Joan Sutherland OM AC DBE
Soprano
Mu 1960
yabaye
Sir MacFarlane Burnet OM AK KBE
Uwatwaye agashimwe kitiriwe Nobel
mu vy’ubuvuzi
*Hagati ya 1975 na 1979, inama nkuru ya Canberra
Australia Day Council nayo yemeye Umunyaustralia
w’Umwaka.
Amazina yanditswe inyuma yo kuronka agashimwe.
Igice ca 4 - Australiya ya none
47
Amahera ya Australia
Amahera yacu ashira ahabona abantu n’amashusho ngirakamaro kuri Australiya. Abanyaustraliya rurangiranwa
batowe kugira ngo baboneke ku mahera yacu ni abantu berekanye akigoro hamwe n’ubukerebutsi
mw’ihindagurika ry’imibano, politike, ivyaranguwe mu gisirikare no mu myuga.
48
Inyubakwa ya kera y’inama nshingamateka be n’iy’ubu
Umwamikazi Elizabeth II (yavutse 1926)
Amadolari 5 yerekana inyubakwa zose z’ inama
nshingamateka z’I Canberra, iya kera n’iy’ubu.
Umwamikazi Elizabeth II ni umukuru wa leta ya Australia.
Ni umwamikazi wa Australia n’uw’Ubwongereza.
Yamanye ingoga, umutima umwe ku ntwaro yiwe
rurangiranwa kandi y’umwanya muremure.
Dame Mary Gilmore (1865 – 1962)
AB ‘Banjo’ Paterson (1864 – 1941)
Dame Mary Gilmore yari umwanditsi w’ibitabu,
umumenyeshamakuru, umwanditsi w’ivyivugo
n’uwamamaza kugira ngo habe inagurwa mu
vy’imibano. Yibukwa ku nyandiko ziwe hamwe
n’ukuvuga kw’izina ry’abakenyezi, Abasangwabutaka
ba Australia hamwe n’aboro.
Andrew Barton Paterson yari umwanditsi, umwanditsi
w’indirimbo n’umumenyeshamakuru. Yanditse
kw’izina rya ‘Banjo’ Paterson kandi yibukirwa ‘Waltzing
Matilda’, ururirimbo rurangiranwa muri Australia.
Reverend John Flynn (1880 – 1951)
Mary Reibey (1777 – 1855)
Reverend John Flynn yatanguje igikorwa ca mbere
kw’isi co gufasha abavukira mu kirere, bita ”Royal
Flying Doctor Service of Australia”. Yibukirwa
ukurokora ubuzima bw’abantu mu gushinga ibigo
vy’amagara mu turere twa kure y’ibisagara two muri
Australia.
Mary Reibey yari imboneza y’umugore yikorera utwiwe
muri New South Wales. Amaze gushika muri Australia
nk’inkumi y’inyimukira y’imyaka cumi n’iyindi yaciye
aba umurongozi yubahwa muri kominote.
Ubwenegihugu bwa Australiya: Igihuza abanyagihugu
Edith Cowan (1861 – 1932)
David Unaipon (1872 – 1967)
Edith Cowan yari umukozi wo mu mibano,
umunyapolitike n’uwitaho ivy’igitsina gore. Yabaye
umukenyezi wambere atowe mu nama nshingamateka
iy’ari yo yose muri Australia.
David Unaipon yari umwanditsi, umuvugizi w’abantu
n’uwiyumvira ibintu akanabihingura.Yibukirwa
intererano ziwe mu vy’ubumenyi bwa none no
mu ndimi, hamwe no mu gutez’imbere imibereho
y’Abasangwabutaka.
Sir John Monash (1865 – 1931)
Dame Nellie Melba (1861 – 1931)
Sir John Monash yari umuhinga, umuyobozi,n’umwe
mu bakomanda bakuru ba Australiya. Yibukirwa
uburongozi bwiwe, ubwenge n’ugushiruka amazinda.
Dame Nellie yari umuririmvyi wa “soprano”
rurangiranwa kw’isi. Isi yose yamufataka
nk’Umwamikazi w’Ururirimbo (Queen of Song), niwe
yabaye umuririmvyi wa mbere w’Umunya Australiya
abaye rurangiranwa kw’isi yose.
Igice ca 4 - Australiya ya none
49
Iminsi mikuru y’igihugu n’ibindi bihimbazwa
Iminsi mikuru y’igihugu ca Australiya ijanye n’akahise dusangiye n’idini ry’abakristu (Judeo- Christian) kandi ikaba
ihimbaza ibihe bikuru vyahaye akaranga Australiya kuva abanyabulaya bimukiye hano.
Amatariki yagenywe
Amataliki atandukanye
Umunsi w’umwaka mushasha italiki 1 Nzero
Duhimbaza umwaka mushasha.
Umunsi mukuru w’abakozi canke umunsi w’
amasaha 8
Uhimbaza itsinzi abakozi b’Abanyaustraliya baronse yo
gukora amasaha 8 k’umunsi- Akataboneka mw’isi.
Umunsi mukuru wa Australiya italiki 26 Nzero
Duhimbaza ibitwibutsa ico bita kuba umunya
Australiya kandi tukibuka igihe umurwi wa mbere
w’ubwato washitse muri Sydney Cove mu mwaka wa
1788.
Pasika
Uhimbaza iyibukwa ry’Abakristu ry’urufu n’izuka rya
Yezu Kristu.
Umunsi mukuru bita Anzac italiki 25 z’ukwezi
Ndamukiza
Twibuka igihe intwaramiheto za Australiya na Nuvele
Zelande (ANZAC) bashika i Gallipoli mu ngwano ya I
y’isi yose. Turatera iteka kandi Abanyaustraliya bose
bitanze canke baguye mu ntambara.
Umunsi mukuru w’ivuka ry’umwamikazi
Uhimbaza ivuka ry’umukuru w’igihugu caAustraliya,
Umwamikazi Elizabeth wa II. Iri himbazwa riba umunsi
wa mbere ugira kabiri mu kwezi kwa Ruheshi mu ntara
zose, ibice vy’intara vya Australiya kiretse mu ntara ya
Australiya yo mu burengero bw’izuba (Western Australia).
Umunsi mukuru wa Noel Italiki 25 Ukwezi kwa
Kigarama
N’umunsi w’ukwibuka abandi bisunze kw’ ihimbazwa
ry’abakristu ry’ivuka ry’akana Yezu.
Iyindi minsi mikuru y’igihugi
Umunsi bita Boxing Day Italiki 26 ukwezi kwa
Kigarama
Igice c’umunsi mukuru wa Noel.
Iyindi minsi mikuru y’igihugi ibera mu zindi ntara,
ibice vy’intara n’imiji itanye. Akarorero, intara bita
“Australian Capital Territory” irafise umusi mukuru bita
“Canberra Day”, intara bita “South Australia” irafise
umunsi mukuru bita “Volunteers Day” (umusi w’abantu
bitanga) hanyuma intara ya “Western Australia” ifise
umusi mukuru witwa “Foundation Day”.
Umusi wa bonane wo kwatsa imiriro ku gitarurwa ca Sydney Harbour 2005
50
Ubwenegihugu bwa Australiya: Igihuza abanyagihugu
Abanyagihugu b’Australiya
Australiya ifise abantu bashika hafi imilioni 22 kandi
kiri mu bihugu vya mbere bifisi abantu bava mu moko
menshi atandukanye. Imvukira za Australiya zingana
n’ibice 2.5% vy’abantu bose baba mu gihugu. ibirenga
igice ca kane vy’ababa mu gihugu avukiye hanze,
bakaba bimutse bava mu bihugu birenga 200. Ayo
moko atandukanye y’abantu yatumye Australiya ironka
indimi nyinshi, amadini menshi, akaranga, n’imico
ihimbaye.
Imigenderanire ya Australiya n’igihugu c’Ubwongereza
yaragabanutse, ariko Ubwongereza buracafise ico
buvuze mu ntwaro y’Australiya. Ivyo bikabonekera
mu bintu vyinshi bituranga, cane cane, muri rwacu.
Naho mungo no mu makominote havurwa indimi
zirenga 200, Icongereza kirafise uruhara rukomeye ku
bituranga.
Umutungo wa Australiya
Australiya ifise umutungo mwiza kandi uhimbaye.
Turemera umwete n’ubuhinga bw’ abakozi bacu.
Abanyagihugu b’Australiya bari mu bantu bafise
ubuzima bwiza bwa mbere kw’ isi.
Isoko
Ugutsimbatara n’uburyo bugezweko
vy’amashirahamwe arangura ivy’ubutunzi vy’australiya,
hamwe n’uburyo butomoye bw’’inzego z’amakori
n’amategeko atomoye y’ubucuruzi bituma ibikorwa
vy’ubucuruzi birangurwa neza. Amashirahamwe bita
“service industry”, ariyo arimwo ibiranga ingenzi,
uburezi, n’amashirahamwe y’ubutunzi, afise uruhara
hafi ibice 70% vy’ubutunzi bwose bw’Australiya
“Gross Domestic Product” (GDP).
Ubutunzi bukomeye bw’Australiya butuma abantu
bahirukira ngo bahakorere. Ico bita “stock market”
y’Australiya igira kabiri k’Ubuyapani mu gice bita
“Asia Pacific region”.
Ubucuruzi
Ibihugu bikuru bihanahana ibidandazwa n’Australiya ni
Ubuyapani, Ubushinwa, Leta Zunzubumwe z’Amerika,
Koreya yo mubumanuko, Nyuzelande n’Ubwongereza.
Dushora hanze cane cane ingano, ubwoya bw’intama,
ivyuma bita “iron”, ubutaka, n’inzahabu. Turashora
kandi hanze umuyagankuba ugenda bwa mwuka
canke amakara. Ubutunzi bwacu bugendera
k’umateko atomoye, kandi ubucuruzi bwamye buri
mubigize itunga ryacu. Mu minsi yahera Australiya
yashoye hanze ibiguzi biciye imiliyara $200.
Gucukura ubutare
Dick Smith (yavutse muri 1944)
Umuntu yitwa Dick Smith n’umucuruza w’umunya
Australiya, agerageza
buri kimwe cose kandi
afasha abantu.
Australiya ifise ubutunzi buturuka mu bidukikije
harimwo amakara, umujumbu, imyuka n’ubucukuzi
bita “mineral sands”. Ibi biri mu bintu bironderwa,
cane cane n’ibihugu bikiri mw’iterembere muri Aziya.
Dick Smith
yatungishijwe
n’urudandazwa
bw’ivyuma vy’ubuhinga
(electronic). Itunga
ryiwe ryarafashije
guteza imbere
Australiya. Yatanguje
urudandazwa
rw’ibifungurwa gusa
hanyuma akoresha imilioni y’amadolori kugira
afashe amashirahamye y’Abanyaustraliya.
Mu mwaka wa 1986 yararonse umudari bita
”Australian of the Year” kandi aronka umudari
w’abantu bitaho ubumenyi n’ivyerekeye
ibidukikije. Yabaye uwa mbere agendera
mu mupira ushushe wamutwaye mu ntara
zose za Australiya no mu kiyaga ca Tasmania.
Nirurangiranwa muvyerekeye kurinda, mu
rundandazwa ruhimbaye n’ingene akunda cane
Australiya.
Igice gikuru ca Australiya gishora ibiguzi hanze n’ubucukuzi hamwe
n’ibitoro
Igice ca 4 - Australiya ya none
51
Australiya umunyagihugu
w’isi yose
Australiya irahimbazwa n’uruhara ifise mugushira imbere
ubunyagihugu bwo mu makungu. Ibi turavyerekana
mugufasha abatishoboye aho bari hose mu makungu.
Intererano ya Australiya n’akigore
mugufasha abashikiwe n’ivyago
Programa y’intererano ya Leta ya Australiya ifasha
ibihugu bikiri mw’iterambere kugabanya ubukene
hamwe n’ugukora kugira bagire iterambere riramba.
Turatanganya iyi mfashanyo mu ntara yacu no kwisi
yose mugufasha abantu na Leta.
Abanya Australiya baboneka ko bitaho abandi iyo
hateye ikiza mu gihugu hagati canke mu mahanga.
Ntiduhengeshanya kandi gutanga infashanyo ku
bihugu biriko biraca mu ngorane. Ivyo Australiya
yiyemeje kuvyerekeye integuro y’infashnyo birerekana
imigenzo iranga Australiya.
Mu 1971 Australia niho yinjiye burundu
mw’ishirahamwe ry’uguhanahana ubutunzi
n’iterambere (OECD). OECD ryifuza gutez’ imbere
ubutunzi, kubaho kw’abantu n’ivy’akazi mu bihugu 30
bigize iryo shirahamwe, hamwe rero n’ibindi bihugu
bikiri mw’iterambere. OECD ryifuza kandi kwagura
urudandazwa kw’isi.
Australiya irafasha cane ibihugu bicuditse vyo
mu karere ka Aziya-Pasifike. Australiya ni kimwe
mu bihugu bigize ishirahamwe ryo gufashanya
muvy’utunzi rya Aziya-Pasifike (APEC), ishirahamwe rya
Aziya yo mu buseruko (EAS), ASEAN Regional forum
(ARF) na Pacific Islands Forum (PIF).
Muganga Catherine Hamlin AC
(yavutse muri 1924)
Catherine Hamlin
n’umuganga
mubuhinga z’ingwara
z’abakenyezi, azwi
cane kuko yatabaye
abakenyezi bo
muri Etiyopiya bari
babayeho nabi cane.
Kuva muri 1959,
Umuphasoni Catherine
Hamlin yakora
ahitwa Addis Ababa
muri Etiyopiya aho
yafasha abakenyezi basinzikaye mu kwibaruka.
Umukenyezi bigenze gutyo rero hariho ibice
bimwe vy’umubiri ataba agitegeka, bagaca rero
baba ibicibwa mu bandi.
Australiya yaratabaye muri Indoneziya inyuma y’icaduka citwa
Tsunami cateye muri 2004
Uruhara rukomeye rwa’Australiya mu
manama mpuza makungu
Australiya yamye ifise uruhara runini mu nama
mpuzamakungu (UN) kuva igishingwa muri 1945.
Yisunze amasezerano y’inama mpuzamakungu ijejwe
impunzi (UN Refugee Convention) yo muri 1951
Australiya iratanga ubuhungiro ku bantu babonetse ko
arimpunzi hakurikijwe amasezerano y’inama mpuza
makungu yo muri 1951 (UN Refugee Convention).
Turafasha kandi mu mugambi wo kubungabunga
umutekano w’inama mpuzamakungu, no mugutabara
mw’iterambere ry’ibihugu, turafise kandi uruhara
rukomeye n’ishirahamwe ry’inama mpuzamakungu
riraba indero ubumenyi n’imico (the United Nations
Educational, Scientific and Cultural Organization).
52
Ubwenegihugu bwa Australiya: Igihuza abanyagihugu
Catherine we n’umugabo wiwe nibo bashinze
ibitaro vyitwa “The Addis Ababa Fistula Hospital”.
Ivyo bakoze rero vyatumye ibihumbi n’ibihumbi
vy’abakenyezi bashobora gutaha iwabo
bakomeye, bafise amagara meza.
Mu 1995, Dr Catherine niho yaronka umudari bita
”Companion of the Order of Australia”, umudari
wa mbere muri Australiya. Aracabandanya rero
gukora afasha abakenyezi muri Etiyopiya.
Australiya uyu munsi n’igihugu kinini kandi
giter’imbere, gishimishwa n’ivyo kimaze gushikako
muvyo kunonora imitsi, ubuhinga n’ubumenyi.
Turashima ukubaho kw’abanyagihugu bacu ariko
twama twifuza ko biguma biter’imbere.
Biciye munfashanyo mu makungu no mw’iterambere,
Australiya yarashoboye kwerekana ububasha bwayo
burengeye ivy’inkino n’ivyo mu makungu.
Abanya Australiya baronse ibikombe vy’ubuhizi bita Nobel
Australiya irazwi cane mu vy’uburondezi mu vy’ubumenyi n’ubuvuzi. Muri ivyo bisata hari abanya Australiya
cumi(10) bamaze kuronka iyo midari muri ubwo buhinga.
Professor William Bragg (1862 – 1942) na Lawrence Bragg (1890 – 1971) abahinga bita “Physicists”.
William Bragg (se) na Lawrence Bragg (umuhungu) barasangijwe gutsindira umudari “Nobel” mu gisata ca
“Physics” muri 1915, ‘Kubere ibikorwa vyabo mu kwihweza ibikoze “crystal” bakoresheje ubuhinga bw’amaradiyo.
Sir Howard Walter Florey (1898 – 1968) umuhinga bita “Pathologist.”
Howard Florey yavukiye muri Adelaide, South Australia, yaronse umudari (rusangi) witwa “Nobel” muri Physiology
canke ubuganga mu 1945 mu vyerekeye kwubura umuti witwa penicillin n’ivyo ishobora kuvura mu ngwara
zitandukanye.
Sir Frank Macfarlane Burnet (1899 – 1985) umuhinga bita “Medical Scientist na Biologist”.
Frank Burnet yavukiye muri Victoria, yararonse umudari (rusangi) “Nobel” muri “physiology” canke ubuganga.
muri 1960 mukwubura “acquired immunological tolerance”.
Sir John Carew Eccles (1903 – 1997) umuhinga bita “Physiologist”.
John Eccles yavukiye muri Melbourne kandi yararonse umudari (rusangi) “Nobel” muri “physiology canke
ubuganga muri 1963 muvyerekeye kwubura “the ionic mechanisms involved in excitation and inhibition in the
peripheral and central portions of the nerve cell membrane”.
Professor John Warcup Cornforth (1917 – 2007) umuhinga bita “Chemist”.
John Cornforth yavukiye i Sydney hanyuma aronka agashimwe kitiriwe Nobel Prize mu vyirwa bita ”Chemistry“
muri 1975 (hamwe n’uwundi) ‘ku gikora ciwe mu vyirwa bita ‘the stereochemistry of enzyme-catalyzed reactions’.
Professor Peter Doherty (yavutse muri 1940) n’umuhinga bita “Immunologist”.
Peter Doherty yavuiye muri Queensland hanyuma aronka agashimwe kitiriwe Nobel Prize mu vyirwa vya
“Physiology“ n’ubuganga 1996 (hamwe n’uwundi) ‘ku vyoyatohoje biraba ‘immune defence’.
Professor Barry Marshall (yavutse muri 1951) umuhinga mu vyo bita “Gastroenterology” hamwe
na Doctor Robin Warren (yavutse muri 1937) umuhinga mu vyo bita “Pathology”.
Barry Marshall hamwe na Robin Warren bose baronkeye rimwe agashimwe kitiriwe Nobel Prize mu buhinga bita
“Physiology” canke: no mu vy’Ubuganga muri 2005 kubera batoye ico bita ‘the bacterium Helicobacter pylori’
n’umumaro wavyo mu ndwara z’igifu bita ‘gastritis and peptic ulcer disease’.
Professor Elizabeth Helen Blackburn (yavutse muri 1948) umuhinga bita “Biologist”.
Elizabeth Blackburn yavukiye Hobart hanyuma aronka agashimwe kitiriwe Nobel Prize mu buhinga bita
“Physiology“ no m’Ubuganga muri 2009 (hamwe n’uwundi) kubera ivyo yatoye bita ‘how chromosomes are
protected by telomeres and the enzyme telomerase’.
Australia irafise kandi umuntu yaronse agashimwe bitiriye Nobel Laureate mu vyerekeye indimi.
Patrick White (1912 – 1990) Umwanditsi bita Novelist na Playwright.
Yavukiye i London kubavyeyi b’Abanyaustraliya, Patrick White yararonse agashimwe kitiriwe Nobel Prize mu
vyerekeye ubuhinga mu ndimi muri 1973 k’ubuhunga bushemeye kandi bishikira umutima bwo kwandika bikaba
vyaramenyekanishije iki gihugu gishasha mu buhinga bwerekeye indimi n’ukwandika.
Igice ca 4 - Australiya ya none
53
Igice ca 5
Akahise ka Australiya yacu
Imico y’Abasangwabutaka ba Australiya
niyo mico imaze igihe kirekire gusumba iyindi mico yose kw’isi.
54
Ubwenegihugu bwa Australiya: Igihuza abanyagihugu
Akahise ka Australiya yacu
Iyi ncamake ya kahise ka Australiya ntitanga
urukurikirane rwose rwa kahise ariko iratanga
iciyumciro kubintu vyabaye arivyo bigize igihugu cacu
n’imico yacu. Imyaka ibihumbi vyishi, ubu butaka
bwari butuwe kandi bwitaweho n’, abanyabutaka nibo
babukorera. Aho ubwato bwambere bushikiye muri
1788 vyasiguye ko isi yabo ihindutse burundu. Mu
myaka 200 iheze, igihugu ca Australiya carize vyinshi
mu kungana kw’abantu, muvy’agateka ka zina muntu
muzira yagishikanye kumico itandukanye no gusubiza
hamwe. Ivyo twagiye turahindura bisigura yuko abanya
Australiya ugiye kwinjiramwo ari bamwe, kwari ahantu
umutu wese yumva ko arimwo kandi ahafise icubahiro.
Abasangwabutaka ba Australiya
Imico y’Abanyabutaka ba Australiya niyo mico bagiye
barahanahana kumara igihe kirekire mw’isi yose.
Abanyabutaka ba Australiya babaye ngaha kumara
imyaka hagati ya 40 000 na 60 000.
Imico y’aba “Aboriginal and Torres Strait Islander”
iratandukanye. Bafise ururimi rwabo n’imigenzo yabo.
Uko bivugwa muri kahise, Abanyabutaka “Aboriginal”
bamuka kw’isi ya Australia na Tasmania. Abitwa Torres
Strait Islander nabo bavuye mu mazinga hagati ya
Queensland na Papua New guinea, n’ayandi mazinga
yo mu nyanja Pacific. Abitwa “Torres Strait Islanders”
basangiye imico myinshi n’abantu bo muri Papua New
Guinea n’abandi bo mu mazinga ya Pacific.
Indimi
Imbere y’uko Abongereza bashika muri kino gihugu,
indimi n’imicanganyo birenga 700 nivyo vyakoreshwa
n’abantu bitwa “Aboriginal and Torres Strait Islander”.
Gushika ubu muri iki gihe haracakoreshwa indimi
zishika kuri 145. Izo ndimi ntibazandika. Umuco
w’Abasangwabutaka wo kubwirabwirana kahise
k’igihugu yari ikomeye. Bavuga kahise k’ubwoko
bwabo n’igihugu cabo. Nk’akarorero ivyo bavuga ku
mwuzure wabaye ku kivuko Phillip Bay muri Victoria
bafatiye kuvyabaye mu nyuma y’imyaka 10 000 yaheze.
Indoto n’imyuga vy’Abasangwabutaka
Ubwoko butandukanye bw’Abasangwabutaka
bufise amazina yabo bwite y’ico twita mu rurimi
rw’icongereza “Dreaming”(Indoto). Indoto canke
umwanya w’indoto, n’imigenzo y’ubumenyi,
ukwizera n’inyimenyerezo ngenderwako mu
buzima bw’Abasangwabutaka. Vyereka abantu uko
babwurizwa kubaho n’uko babwirizwa kwigenza.
Abatubahirije ayo mategeko barahanwa.
Ubuhinga bwitwa “Kakadu Aboriginal Art”
Amakuru y’indoto abana bayabwirwa n’abavyeyi
be n’inararibonye. Ayo makuru yigisha abana uko
amatongo yo kubamwo yagabugwa n’uko bigenza
n’igituma. Ayo makuru yaha abana inyigisho
ngirakamaro nk’akarorero aho bashobora gukura ivyo
kurya.
Ivyino, indirimbo n’intabo bivuga amakuru y’ivyifuzo
vy’ Abasangwabutaka mu buzima bwa misi yose.
Iyo Abanyabutaka baririmba bakavyina biyumvamwo
ikintu kibahuza na ba sekuruza.
Ibicapu vya mbere vy’ubuhinga bw’Abanyabutaka
vyari kwandika kumabuye, gucapa no kwandika
hasi. Bimwe bimwe bimaze imyaka ishika ku 30 000.
Abantu bo muri Australiya yo hagati bacapisha utuntu
dusongoye imirongo y’imizingi isigura ivyerekeye isi
n’amakuru y’ivyifuzo. Abo muri Australiya ya ruguru
bacapa amasanamu y’abantu y’ibikoko n’imizimu.
Indoto z’ivyifuzo ziguma zihambaye Abasangwabutaka
gushika n’ubu.
Igice ca 5 - Akahise ka Australiya yacu
55
Abanyaburaya bashitse muri
Australiya ubwambere
Ugutata kwa kare kw’abanyaburaya
Mu kinjana ca 17, abatasi b’abanyaburaya barubuye
ico bise “Terra Australis Incognita”, igihugu kitazwi co
mu bumanuko. Muri 1606, umunya Holande Willem
Janszoon yaracapuye igice co muburengero bwa “Cape
York Peninsula” mu maja ruguru ya Australiya. Muri
ico gihe ubwato bwo muri Espanye bwari burongowe
n’uwitwa Luis Vaez de Torres yasoza atumbereye
mumaja ruguru y’iki gihugu.
Mu gihe canyuma co mu myaka 1600, abatasi
b’Abanyaholande bubuye inkengera z’ uburengero
bwa Australiya (Western Australia). Abanyaholande
baca baha iyo ntara izina ryitwa Ubu Holande
Bushasha ‘New Holland’.
Mu 1642, Abel Tasman yubuye imbibe z’igihugu
gishasha agitazira “Van Diemen’s Land” (arico Tasmania
ubu). Yaracapuye n’ibihumbi vy’ibilometero vy’imbibe
za Australia. Ibicapu vyiwe atahejeje vya Holande
nshasha vyerekana ko yiyumvira ko ico gihugu cari
gifatanye na “Papua New Guinea” mu gice ca ruguru.
Ingendo z’Abagirwa n’ivyaha
(abanyororo)
Australia niyo yonyene abanyaburaya bahagereye
ubwambere bari abantu bagirwa n’ivyaha. Inyuma yaho
Leta Zunze Ubumwe za Amerika zikukiriye, Ubwongereza
ntibwabaye bugishobora kurungikayo abagirwa n’ivyaha.
Iminyororo yo mu Bwongereza nayo harimwo abantu
benshi cane. Bamaze kuba umurengera, bategerezwa
kuronka ahandi babashira. Mu 1786, Ubwongereza
bushinga ko abagirwa n’ivyaha barungikwa muri “New
South Wales”. Ivyo bavyise ‘Transportation’.
Intara ya mbere y’abimuka.
Bulamatari wa mbere w’intaraya New South Wales
yari Kapiteni Arthur Phillip. Yaje azanye umurwi
wambere w’amato 11 kuva mu Bwongereza gushika
murundi ruhande rw’isi. Yafashe neza abo banyororo
muvyerekeye ibifungurwa n’ibindi bakenera, kandi
muri urwo rugendo hapfuye bake cane.
Kapiteni Phillip rero yashikanye uwo murwi w’amato
mu kigobe ca Sydney itariki 26 Nzero 1788. Ni kuri iyo
tariki twama twibukirako umunsi wa Australia igihe
cose umwaka uheze.
William Dampier niwe mwongereza wambere
yahonyoje ikirenge muri Australia Mu 1684, niho
yashika buraruko bushira ubuseruko bw’inkengera.
Igihugu cari cumye, kirimwo ivumbi, vyatumye
atiyumvira ko coba ciza ku budandaji canke kubamwo.
Kapiteni James Cook
Imbibe zo mu buseruko bwa Australiya nta
batasi babanyaburaya bazishitseko gushika aho
umwongereza James Cook yazishitseko mu 1770 ari
mubwato bwiwe bwitwa “Endeavour”. Cook yari
yarungitswe na Leta y’Ubwongereza murugendo rwo
kwubura ibiri mu bumanuko bwa “Pacific“. Yacapuye
imbibe zo mu buseruko ashika kuri Botany Bay,
ahatumbereye ubumanuko bwa Sydney. James Cook
ico gice yaciye acita “New South Wales” yaciye avuga
ko cegukira umwami George wa III.
Amato ya mbere yavuye mu Bwongereza ashika mu kigobe ca
Sydney muri 1788
Imyaka ya mbere na mbere
Imyaka yambere y’umugerero yari igoye cane. Bulamatari
Phillip rero yagerageza kuraba ko abantu baticwa
n’inzara mugushira abantu bose ku rugero rumwe
rw’infungurwa harimwo ivyegera vyiwe nawe nyene
ubwiwe. Ubuntu bwiwe n’ishaka vyarafashije gushobora
kurengana ayo makuba yo mu myaka ya mbere.
Ikarata y’ubuholande bushasha yacapuwe na Abel Tasman muri 1644
56
Ubwenegihugu bwa Australiya: Igihuza abanyagihugu
Ico gikorwa gihambaye co kugerera kwa mbere
cashobotse kubera gukoreshwa kunguvu kw’abagirwa
n’ivyaha. Mugihe batakoze cane, canke iyo birutse
bagahunga canke iyo baborewe, barabakubita. Iyo
naho bakoze ivyaha bikomeye cane baca babarungika
kugerera kure cane canke bakabamanika. Abakoze
ivyaha iyo bahejeje ivyo baciriwe bahinduka abantu
bidegemvya, bagaca baja gukora no gutunga
imiryango yabo mu bandi banyagihugu.
Amahirwe mashasha
Bulamatari aciye ubwenge
Abanyaburaya ba mbere muri Australiya bari bagizwe
n’Abongereza, abanya Ekose, abanya Galles n’abanya
Irlande. Abanya Ekose, Galles na Irlande kera bama
barwana n’Abongereza, ariko muri Australiya, ubwo
bwoko bune bwose bwarabana bugakorana bufatanye
munda.
Co kimwe na Bulamatari Phillip, Bulamatari Lachlan
Macquarie afise ikibanza gihambaye mugihe ca mbere
ca kahise kacu. Yatwaye intara yitwa New South
Wales hagati ya 1810 na 1821. Yateje imbere iyo ntara
ayigira iyigenga aho kuba iyabanyororo. Yatej’imbere
ivy’uburimyi no kwubaka amabarabara n’izindi
nyubakwa zo gufasha abanyagihugu. Yarahimiriza
cane ivyo kwubura izindi ntara za Australiya.
Abanyororo n’abahora ar’abanyororo batangura
kuronka uburyo bushasha bwo kubaho. Abakuru
mu basoda bakoresha imyanya yabo mukurondera
amahera mukudandaza, bagakoresha abanyororo
canke abahora ar’abanyororo. Bidatevye, bamwe
mubahora ar’abanyororo batangura kudandaza kugiti
cabo. Abandi mubahora ari abanyororo baratey’imbere
muvy’uburimyi n’ubworozi, mu bucuruzi be no mu
bunywero. Abakenyezi bahora ari abanyororo baratey’
imbere mu buryo butandukanye no muvyo kwishira no
kwizana no gusumba abakenyezi bo mu Bwongereza.
Caroline Chisholm (1808 – 1877)
Caroline Chisholm
niwe yar’arongoye
umurwi w’abagomba
guhindura ibintu,
niwe yatumye agateka
k’umugore atubatse
gater’imbere muri izo
ntara z’abimuka.
Caroline yaje muri
Australiya azananye
n’umugabo wiwe yari
intwazangabo, n’abana
batanu muri 1838. Yarafashije cane abagore
b’abimuka bo muri Sydney baba mw’ibarabara.
Mu myaka mikeya yari amaze gushinga amazu 16
bita “hostels” yakira abagore b’abimuka.
Caroline yarakoze cane kugira ubuzima
bw’abantu bagendagenda n’ubwato hagati
y’intara n’iyindi buter’imbere. Niwe yatanguje
ivy’ingurane kugira abantu bibeko barwanye
ubukene, bareke kwama bazer’inze.
Mur’iki gihe, amashule menshi muri Australiya
yitirirwa Caroline Chisholm. Yarazwi ko
“ar’umugenzi w’abimuka” kandi bamwibuka cane
kubera ataruha mugufasha abantu batanguye
ubuzima bushasha.
Macquarie yashize amafranga menshi muvy’indero
kandi yarubahiriza uburenganzira bw’abahora
ar’abanyororo. Bamwe mu banyororo yabahaye ubuzi
bwo guca imanza, canke gukora nka abakozi ba Leta.
Bulamatari Macquarie afise icubahiro muri kahise
kubera ivyiza yakoze mu ntara. Muri New South
Wales bamwitiriye ishule kaminuza: ”The Macquarie
University”.
Iragi riva ku bagirwa n’ivyaha
Inyuma y’igihe Macquarie yatwaye, biyumviriye
ko kuba Bulamatari ari ububasha buhambaye
rwose ku muntu umwe, nico gituma mu 1823
hashinzwe inama Legislative Council ya New South
Wales kugira yunganire Bulamatari azokurikira.
Inamanshingamateka ica rero igerageza guhindura
ivyerekeye ayo makoloni kugira bahane mu mategeko
abagirizwa n’ivyaha ariko ntibabafate neza birengeye
urugero. Ariko, ntibaciye babuza abo bagome kugira
ico bimarira mu ntara ya New South Wales no mu
yandi makoloni ari muri Australiya mu myaka yambere
y’ikijana ca 19.
Bose hamwe abanyororo bazanywe muri Australiya
bangana 160 000. Ubwongereza bwahagaritse kuzana
abanyororo muri New South Wales muri 1840; muri
Tasmana muri 1852; muri Western Australia 1868.
Abana b’abanyororo bamye bigenga nico gituma
amacakubiri hagati y’abahora ari abanyororo n’abandi
bimuka yagiye arazimangana bukebuke. Kuva mu
1850, intara zatwarwa n’abakoloni (colonist) kandi
bari bafise ishaka ryo kwubaka igihugu c’iteka.
Baciye bategwa isoni na kahise kabo k’ubunyororo,
ntibasubira no kubivuga. Ariko haheze nk’ikinjana izo
soni zarahindutse. Abanya Australiya ubu baranezerwa
no kumenya ko batanguye ari abanyororo. Ubu n’iteka
kuri benshi kumenya ko sekuruza yari umunyororo.
Mur’uko kwemera kahise, abanya Australiya babaye
abantu batitaho cane kahise k’umuntu mu muryango
w’amamuka, canke mu ngeso. Dufata abantu uko
tubabonye kandi tukabafata ko “bose barangana”.
Igice ca 5 - Akahise ka Australiya yacu
57
Abasangwabutaka bo mu gihe c’ inyuma
yaho Abanyabulaya baziye
Biyumvira ko hoba hariho Abasangwabutaka
“Aboriginal and Torres Strait Islander” bari hagati ya
750 000 na 1 400 000 igihe abanyaburaya batangura
kuza kugerera muri Australiya. Muri ico gitigiri
harimwo ico two kwita intara zigenga zishika ku 250
n’indimi zirenga 700.
Igihe haza abantu bambere kugerera muri Australiya,
Leta y’Ubwongereza nta masezerano yagiranye
n’Abasangwabutaka “Aboriginal”. Abasangwabutaka
baribafise umutungo wabo n’ibintu vya kera
bibahuza n’isi. Leta rero ntiyashobora kuvyemeza
kuko nta migenzo nkiyo canke ukwemera nk’ukwo
kwariho Iburaya. Aba Aboriginal ntibarima canke
ngo bubake amazu ngo baguma mu kibanza kimwe
nk’Abongereza, vyatumye Leta yiyumvira ko ata kintu
batunga. Leta yaciye yumva ifise uburenganzira bwo
gufata amatongo.
Ingaruka mbi
Bari barabwiye ba Bulamatari ba mbere ko badakwiye
kugirira nabi aba Aboriginal, ariko abimuka
b’Abongereza baciye bafata amatongo yabo kandi aba
Aboriginal benshi barishwe. Abo bimuka mu bisanzwe
ntibahanirwa ivyo vyaha bakoze.
Aba Aboriginal bamwe bamwe barashoboye kubana
n’abimuka b’Abanyabulaya mu mahoro. Abimuka
bamwe bamwe barakoresha aba Aboriginal mu
mararo yabo y’intama n’inka. Bulamatari Macquarie
yarahaye aba Aboriginal amatongo yabo bwite kugira
borore, hanyuma aca atanguza ishule ry’abana babo.
Ariko rero ni bake bashimye kubaho nk’abo bimuka.
Ntibagomba gutakaza imigenzo yabo.
Ibimenyetso bihambaye vyo
muri kahise
Kugendura igihugu uja hagati
Muri New South Wales, abimuka ba mbere baragize
ingorane zikomeye. Australiya ifise igice gitoya cane
kimera. Aba Aboriginal bari barize ingene bahaba
hameze uko, naho nabonyene bamerewe nabi mu
bihe vy’uruzuba.
Intambamyi iyambere ku bimuka bariko bagendura
Sydney yabaye urukurikirane rw’imisozi rw’ibilimetero
50 amaja mu burengero bwa Sydney, imisozi ya Bururu
(Greater Blue Mountains). Mu 1813, abagabo batatu
Blaxland, Wentworth na Lawson, niho bashoboye
kujabuka iyo misozi. Ibarabara, n’inzira ya train
biracakurikira inzira baciyemwo.
Kurundi ruhande rw’iyo misozi, abo bagenduzi bubuye
igihugu gishashe kibereye kwororerwa mwo intama
n’inka. Ukomeje uja mu gihugu hagati basanze
ar’ahantu h’ubugaragwa atakihamera. Vyarabagora
kuronka amazi no gutwara ivyo kurya kugira babeho.
Umugenduzi w’Umudagi, Ludwig Leichhardt,
baramubuze irengero igihe yariko agerageza kujabuka
igihugu kuva mu buseruko uja mu burengero mu 1848.
Mu 1860 Burke na Wills biyemeje kuva Melbourne
bakajabuka Australiya kuva mu bumanuko gushika
mu buraruko. bagiye barongoye umurwi munini ariko
urugendo rwabo ntirwari rworoshe. Burke na Wills
ntibari bamenyereye amashamba. Baronse ababafasha
babimenyereye umu Aboriginal Yandruwandha, ariko
abo bagenduzi bompi bapfuye bariko basubira inyuma.
Naho Burke na Wills bananiwe guheza urugendo
rwabo, kahise kabo karibukwa muvy’ubuhinga
n’indimi. N’akarorero kababaje nk’ingene iki gihugu
cacu cari kigoye.
Ntituzi neza igitigiri c’Abasangwabutaka bishwe mu
ngwano z’amatongo, ariko turaziko ibihumbi amajana
vy’aba Aboriginal vyapfuye. Ikintu cishe cane cane
aba Aboriginal n’ingwara zazanywe n’abanyaburaya
mur’iki gihugu. Urupfu rw’aba Aboriginal kari akaga.
Mu 1830, muri Victoria aba Aboriginal bashika ku
bantu 10 000. Mu 1853 hari hasigaye abashika ku
1907 gusa.
Urugendo rwa Burke na Wills rwo gutohoza intara zose z’ Australiya
muri 1860
58
Ubwenegihugu bwa Australiya: Igihuza abanyagihugu
Abimuka n’imboneza
Naho rero Abimuka bari bafise amatongo meza,
ukubaho kwabo kwari kugoye. Inyuma y’ibihe
vy’umwuzure n’ivy’ukwuma, abirimyi n’aborozi kenshi
barinda gusubira gutangura. Mu 1838, ubwoya
bw’intama nibwo bwari ikidandazwa njabukamazi ca
mbere. Iyo rero habayeho kwuma canke ibiciro vyo
mumakungu vy’ubwoya bw’itama bigakoroka, abimuka
baba batakaje cane. Ariko abantu barifashe barirwanira.
”Aussie battler” n’akazina baha abantu bashoboye
kurengana ingorane zihambaye. Aussie battler aserukira
abanya Australiya mukurwana n’umutima no kurinda.
Abagabo n’abagore b’imboneza bose barahabwa
icubahiro k’ukwihangana bagize muri ivyo bihe bigoye.
Kenshi abagore nibo basigarana urudandazwa canke
amararo mugihe abagabo atariho bari canke bapfuye.
Abakozi ba leta barahambara cane iyo baje gutoza
ikori ryo kwimba inzahabu. Itariki 11 Munyonyo
1854, abantu 10 000 bakoraniye ku musozi Bakery,
Ballarat, kugira bashinge amategeko ngenderwako ya
demokarasi. Bagomba ko boshobora kwimba inzahabu
batarinze kuriha ikori rizimvye cane. Bagomba kandi
gutora abantu babaserukira mu nama nshingamateka
yo muri Victoria.
Umurwi mutoya warubatse ahitwa Eureka bimba
inzahabu, baca bahashinga ibendera y’abagumutsi
iriko umusaraba wo mu bumanuko. Leta yaciye
irungika abasirikare ngo baje kubarwanya mu gitondo
c’itariki 3 Kigarama 1854. Abo bimba inzahabu
baneshejwe mukanya gato, hapfamwo abashika 30.
Muri ico gihe kigoye c’imyaka ya mbere niho
umutima w’ubugenzi w’Abanyaustraliya watanguye.
War’ukomeye cane mu bagabo bagenda baca ku
misozi itagirako abantu. Abimuka barafashanya
mubihe vy’ingorane. Uwo mugenzo uracakomeye
mu buzima bw’Abanyaustraliya, nk’akarorero, hari
ibihumbi n’ibihumbi vy’abantu baza gufasha kurwanya
imiriro itwika amashamba uko umwaka utashe.
Ukwirukira inzahabu
Iyuburwa ry’inzahabu muri NSW mu ntango za 1851,
ryavuzwe ko ari “iyubura ryahinduye igihugu”. Haheze
igihe gito barubuye inzahabu muri Victoria, niho yari
ikironka ubwigenge.
Mu mpera za 1852, abantu 90 000 barafashe ingendo
baja muri Victoria bavuye mu mihingo yose ya
Australiya no kw’isi yose baje kurondera inzahabu.
Ibendera Eureka
Igihe abaserukira abagumutsi bagiye gucirwa
imanza kuko bahemutse, nta bacamanza bashoboye
kwemeza ko bagirwa n’icaha. Umurwi userukira
ubwami wasanze ko Leta ifise amakosa, hanyuma
vyinshi muvyo abimba inzahabu basaba barabironswa.
Icifuzo cabo co kugira uwubaserukira muri politike
naco baracemeye. Mu mwaka umwe Peter Lalor,
uwaserukira abagumutsi, yabaye umwe mubagize
inama nshingamateka ya Victoria.
Kumara imyaka myinshi, abo bagumutsi bo muri
Eureka babaye ikimenyetso c’imyiyamirizo n’ivyizigiro
ko ibintu biter’imbere.
Inzahabu yubuwe mu ntara za New South Wales na Victoria muri
1851
Abagumutsi bo muri Eureka bibukwa nk’igihe
gihambaye ca demokarasi muri kahise ka Australiya.
Muri 1854, i Ballarat ahantu bakura inzahabu, abimba
inzahabu bariyamirije uburyo abategetsi bo muri leta
batwaza igitugu ako karere bimbamwo inzahabu.
Igihe co kwirukira inzahabu carahinduye Australiya mu
buryo bwinshi. Mu gihe c’inzahabu igitigiri c’abanya
Ausatraliya cariyongereye kuva kuri 43 000 mu 1851
gushika kuri 1 700 000 mu 1870. ”Railways” zambere
na “telegraphs” zubatswe muri1850 kugira abantu
bariko baragwira bashobore gushikirana.
Harubuwe inzahabu nyinshi mu bice vyose vya Australiya
ukuyemwo Australiya yo mu bumanuko. Umutungo
warateye imbere kandi inzahabu yaciye ija imbere
y’ubwoya bw’intama iba urudandazwa njabukamazi
rw’agaciro. Vyoshoboka ko nko muri 1890 Australiya ari
co ca mbere cari gifise ubuzima bw’agaciro kw’isi yose.
Igice ca 5 - Akahise ka Australiya yacu
59
Abo bise ”Squatters” n’abarimyi n’aborozi
Mu gihe cambere c’umugerero, abantu bari bazwi
nk’aba “squatters” bari bafashe amatongo manini
manini yo kurima. Kandi kenshi ntibayagura kuko aba
squatters babona ko isi ari iyabo. Inyuma y’aho igihe
co kwirukira inzahabu gihereye, vyari bigoye cane
kugira bake amatongo abo ba squatters.
Muri 1860, Leta yagomvye kugurisha amatongo
yaba squatters ku bagabo n’imiryango yabo ngo
bayakorere. Ariko aba Squatters bagerageje kugumya
amatongo bashoboye mukwaka igiciro kinini mu
gukodesha, cane cane ku matongo ari ahameze neza.
Abo barimyi bashasha baragize ingorane mu bibakikije,
kandi gushika bubake railways, bari kure cane
y’amasoko. Iyo bishobotse hose, barashima kuronka
imishahara minini mu bisagara, gusumba akazi ko mu
mirima gatanga impembo nto.
Kuva muri 1860 abantu bava muri Irani, Egiputa na
Turikiya baciye baza kugira bakorere ingamiya ’trains’
zari mu misozi itaragererwa yo muri Australiya. Abahindi
batunze ingamiya babitiranije n’abanya Afganistani
kubera bambara impuzu nk’izabasangiye ukwizera
muki Islamu. Abo banyengamiya rero bari nk’imboneza
mugushika hagati mu gihugu. Hagati y’abahindi 4000
na 6000 bo mu mazinga ya Pasifique baje gukora mu
mahinguriro y’isukari n’ibitoki muri Queensland.
Kuva muri 1880, abakozi bava muri Lebanoni niho
bashika muri Australiya. Abanya Lebanoni benshi bashima
gukora mu mahinguriro y’impuzu. Imiryango myishi
y’abanya Lebanoni niyo yari itunze amahinguriro y’impuzu
muri Australia kandi vyarakomeje gushika n’ubu.
Abarimyi baratey’imbere muri Australiya yo mu
bumanuko, kandi umugenzo South Australia wo
kwubura imashini kugira umurimyi yoroherwe ni ho
watanguriye. Imashini ya ”The stump-jump plough“
(1870), akarorero yatumye isi igumye yoroha,
bikorohereza abarimyi kwimbura.
Kwimuka kwo mu myaka ya 1800
Mu ntango y’imyaka ya 1800, Abongereza, abanya
Ekose abanya Galles n’abanya Irlande. nibo baribagize
igice kinini c’abimuka. Iragi ryabo niryo ryari akarorero
k’igihugu cose gishasha. Imyanya yo kwinezereza,
ivy’imico n’ukwemera vyari co kimwe n’ivyomu
Bwongereza. Ariko harimwo n’imigwi mitomito
y’abimukabava I buraya no muri Aziya. Abanyaburaya
baje muri 1800 harimwo Abataliyano, Abagiriki, muri
Poles, abo muri Malte n’ Abarusiya nyene. Abimuka
b’abafaransa bakora muvy’imivinyu cane cane baba
ari abantu bakiri bato barondera akazi n’itunga, canke
abantu bakora kumato batorotse.
Abashinwa b’abimuka batanguye gushika muri
Australiya inyuma ya 1842. Igitigiri cabo ciyongeye
inyuma y’aho buburiye inzahabu, kandi hari
kutunvikana kw’amoko aho bimba inzahabu.
Ivyo vyarashobora umudugararo barwanya aba
shinwa, nk’ivyabaye muri Bendigo muri1854. Ukwo
kutumvikana kw’amoko kwatumye haba guhagarika
abimuka kwambere muri Victoria muri1855, muri New
South Wales naho muri 1861.
Inyuma y’ukwirukira inzahabu kwo muri 1850, aba
shinwa benshi baciye basubira iwabo. Mu bagumye
ngaha baciye baja muvy’uburimyi bw’ivyamwa n’imboga
kuko vyari bikenewe cane, mubirere bikenye amazi.
60
Ubwenegihugu bwa Australiya: Igihuza abanyagihugu
Abanya Afganistani batunze ingamiya mu misozi itarageregwa ya
Australiya
Amatongo manini manini ya
Abasangwabutaka
Inyuma y’aho ingwano z’aba Aboriginal n’abimuka
bapfa amatongo zihereye, aba Aboriginal baciye bibera
kumbibe. Bamwe bamwe bakora mu mararo y’intama
n’inka bafise imishahara mito cane. Leta y’abimuka
yarashinze ibibanza aba Aboriginal bashobora
kubamwo, ariko aho hantu ntibashobora kuhakorera
ivy’imigenzo yabo. Ntibashobora guhiga canke kuja
hamwe nkuko bavyifuza.
Mu mpera za 1800, Leta y’abimuka yaciye yaka
aba Aboriginal uburenganzira bwabo. Baba aho
baberetse. Barongora uwo bababwiye, abana benshi
b’aba Aboriginal barabatse abavyeyi babo. Abo bana
baca babajana mu miryango y’abazungu, canke mu
marerero y’impfuvyi ya Leta. Ivyo rero ubu ntibikigirwa
ariko vyatumye hagumaho agahinda kuba Aboriginal
n’abanya Australiya benshi.
Amatora
‘Suffragettes’ ryari ijambo bakoresha kw’isi yose
bavuga abagore baharanira uburenganzira bw’abagore
ngo bashobore gutora. Hagati ya 1880 na 1890, intara
yose y’abimuka yategerezwa kugira amatora. Abo ba
‘Suffragettes’ begeranije ibikumu ibihumbi n’ibihumbi
kubirego bajanye mu nama nshingamateka y’abimuka.
Abagore bo muri Australiya yo mu Bumanuko
baratsindiye uburenganzira bwo gutora baca
barondera kwitoza mu nama nshingamateka muri
1895. Abagore bo muri Australiya yo mu Burengero
batsindiye uburenganzira bwo gutora muri 1899.
Mu 1902, Australiya nico cabaye igihugu cambere
cahaye abagore uburenganzira bwo gutora no
gushobora kwitoza mu nama nshingamateka.
Abasangwabutaka b’abagore (n’abagabo) ntibaronse
ubwo burenganzira bwo gutora gushika muri 1962.
Edith Cowan niwe yabaye umushingamateka
w’umugore wambere, yatowe mu nama nshingamateka
ya Australiya yo mu Burengero muri 1923. Gushika muri
1943, niho umugore wambere, Enid Lyons, yatowe mu
nama nshingamateka ya Australiya.
Ishirahamwe ry’intara zihuriza
ubutegetsi hamwe
Intara z’abimuka zagiye ziratera imbere imwe imwe
ukwayo, mu mpera z’ikinjana ca 19, haciye haboneka
ikintu bahuriyeko c’ubwene gihugu kirater’imbere.
Vyerekamywe mu m’amajambo y’indirimbo ”Advance
Australia Fair”. Iyi ndirimbo yanditswe na Peter Dodds
McCormick ica iririmbwa ubwa mbere i Sydney muri
1878. Ubu niyo ndirimbo yo kuninahaza igihugu cacu.
Mu mpera z’ikinjana ca 19, harabaye amageragezwa
abiri kugira intara amakoloni aje hamwe. Mu 1889,
Sir Henry Parkes yarasavye ko hoshingwa igihugu
kimwe gikomeye. Inama nkuru y’amashirahamwe y
Australiya na Aziya yagizwe muri 1890 kugira baharire
ku ciyumviro c’ishirahamwe rya Australiya.
Naho vyatevye vyahavuye vyihuta bigenda
kw’ishirahamwe mu 1893. Abatora baratora abazotegura
ibikorwa bikwirikira vy’ibwirizwanshingiro. Abatora
batoye incuro zibiri kugira bemeze ibwirizwanshingiro.
Ukuri nuko umugambi w’ama leta yunze ubumwe wari
ushimikiye ku gushaka kw’abanyagihugu n’ukuntu
Australiya yagenda itera imbere.
Catherine Spence (1825 – 1910)
Catherine Spence yari umwanditsi,
umuvugabutumwa,
yarwanira agateka
k’abagore kandi yari
‘suffragette’.
Catherine Spence
yimukiye muri Australiya
avuye mu gihugu ca
Galles. Yaranditse
ibitabo vyinshi
vyerekeye ukubaho
kw’abanya Australiya
biraronka amashimwe,
hamwe rero n’ibitabo
bakoresha mu mashule.
Yarafashije gutanguza ishirahamwe rifasha abana
batagira aho baba n’ibigo bishasha vyigisha
abana batoya n’amashule ya Leta yisumbuye
yakira abakobwa gusa.
Niwe yabaye umugore wambere yitoje kuja
mu nama nshingamateka, kandi yaronse
amajwi menshi ariko ntiyashoboye gutsindira
ico cicaro. Mu 1891 yabaye icegera c’umukuru
w’ishirahamwe ry’abagore mu matora yo muri
Australiya yo mu Bumanuko.
Catherine Spence n’ikimenyetso c’ivyo umugore
ashobora kurangura, no mu bihe batari
bemerewe vyinshi.
Umunsi witiriwe Ishirahamwe ry’intara zihuriza ubutegetsi hamwe
(Federation) muri Brisbane, mu 1901
Igice ca 5 - Akahise ka Australiya yacu
61
Leta y’Ubwongereza yaremeje ko Australiya yoshobora
kwikukira hanyuma Leta ya mbere ica irashingwa
imbere y’isinzi ry’abantu muri Sydney itariki ya mbere
Nzero 1901. Umushikiranganji wa mbere w’igihugu
gishasha yari Edmund Barton, yahoze arongoye umugwi
uharanira gushirahamwe muri New South Wales.
Australiya cari kimaze kuba i gihugu ariko kiri mu
bwami bw’Abongereza. Nticari gifise ubwigenge
muvyo kwigwanira no muvy’imigenderanire
n’amakungu gushika muri 1931. Naho kwiyumvamwo
ubwene gihugu bwaguma bugwira, kwumva ko ari
abongereza navyo vyari igikomeye.
Nk’uko umugambwe w’abakozi wagumye uter’imbere,
iyindi migambwe yose yaciye yiyunga ihurira mu
mugambwe witwa umugambwe w’abigenga
”Liberal Party” muri 1910. Uyo mugambwe
wagiye urahindagura amazina. Mugihe c’ingwano
wahindutse Umugambwe w’abanyagihugu, hanyuma
witwa Umugambwe w’ubumwe bwa Australiya
’United Australia Party’. Muri 1944 umugambwe
w’abigenga tuzi ubu, niho washingwa. Ivyo vyatumye
habaho ikoraniro ryatunganijwe na Robert Menzies,
rihurikiyemwo benshi mubatari mumigambwe
w’abakozi. Sir Robert Menzies niwe yabaye
rurangiranwa mu bashikiranganji bambere batwaye
Australiya umwanya muremure.
Inyuma y’ingwano ya mbere y’isi yose, umugambwe
w’Igihugu warashinzwe kugira uharanire agateka
k’abarimyi n’aborozi. Muri iki gihe witwa
umugambwe w’abanyagihugu ukaba wama wifatanya
n’umugambwe w’abigenga.
Itegeko ryo muri 1901 rigabanya
ivy’abimuka
Ico bise ingingo ya Australiya Yera ‘White Australia’
cahindutse itegeko aho mu kwezi kwa Kigarama 1901
hatowe itegeko bise “Immigration Restrictions Act
1901”. Iryo tegeko ryagabanya uburenganzira bwo
gukora muri Australiya ku bimuka, rikabuza n’abantu
batera (Non white people) kwimukira muri Australiya.
Sir Edmund Barton
Ivuka ry’imigambwe
Nko mu 1880, abakozi bo muri Australiya bashinze
amashirahamwe y’urudandazwa akomeye cane. Mu
bihe bigoye vy’isubiranyuma ry’ubutunzi n’uruzuba,
ayo mashirahamwe yaja aratera imidugararo (greves)
kugira akingire imishahara n’imibereho yabo. Abakozi
baciye rero binjira mu vya Politike. Mu 1891 baca
bashinga umugambwe w’abakozi ”Labor Party”.
Igikorwa ca mbere c’uwo mugambwe w’abakozi
cabaye kurwanira iduzwa ry’imishahara n’uko babaho.
Abantu babayabaye babaho neza kurusha abakozi
ariko baratahura ingorane abakozi barimwo. Haciye
hashingwa amashirahamwe ya Leta yo gushinga
imishahara no gukingira imidugararo ngo ntibe.
Mu 1907, Sentare ya Leta nkuru ijejwe kwihweza
no kwuzuriza abakozi (Commonwealth Court of
Conciliation) ishinga umushahara wo hasi kuburyo
umugabo akora, umugore wiwe n’abana batatu
bashobora kubaho neza.
62
Ubwenegihugu bwa Australiya: Igihuza abanyagihugu
Umuntu wese atarafise amamuko y’Ibulaya yahabwa
ikibazo co kwandika amajambo 50 mu rurimi
rw’iburaya. Abanywanyi b’ishirahamwe ry’abadandaza
b’abashinwa, umushingwamanza William Ah Ket
n’abakuru mu badandaza b’abashinwa, bariyamirije
iryo tegeko kumugaragaro ariko ntaco bashoboye
kurihindura ko.
Abashinwa, abahindi, abanyamazinga ya Pasifike
n’abava mu bihugu bishira ubuseruko (Middle East)
baciye basubirirwa cane cane n’abava mu Bumanuko
bwa buraya muri iryo shirahamwe rya Australiya, ariko
imico yabo yari yaramaze gutsimbatara mu mibano no
mu karanga ka Austarliya.
Ingwano y’isi yose yambere,1914 -1918
Uretse ingwano nto nto zaba hagati y’abimuka n’aba
Aboriginal Australiya camye ari igihugu kirimwo
umutekano. Nta ngwano hagati y’abanyagihugu canke
zo kurondera kwikukira zabayeho. Abimuka ba mbere
bari abizigirwa ku bwami bw’Ubwongereza.
Ariko uko Abanyabulaya babarwirirana mu ntara
zegereye Asia, Abanyaustraliya n’abo niko batangura
kugira ubwoba cane cane aho baboneye ko
Ubuyapani bubaye igihugu gikomeye, baca rero
batangura kwisunga Ubwongereza n’igisirikare mu
muzi gikomeye kugira batukingire.
Abasoda babanya Australiya binjiye mu ngwano y’isi
yose muri 1915 mu gitero cabo kuri Turukiya yari icuditse
n’Abadagi. Abanyaustraliya n’aba nya New Zealand bari
bahawe igice cabo ngo batere ahitwa Gallipoli.
Babashikanye mu kibanza kitari ciza kuko bategerezwa
kwurira imisozi ihanitse, bariko bararaswa n’abasoda
bo muri turukiya. N’aho benshi bahasize ubuzima,
barashoboye kurengera iyo misozi, bayimba. Abanya
Australiya mu gihugu baranezerejwe cane n’uwo
mutima wo gushirahamwe kw’aba Anzacs.
Itariki bashikiyeko muri Gallipoli (ni 25 Ndamukiza) ubu
n’umunsi mukuru w’igihugu. Witwa umunsi Anzac
kubasoda ba Australiya na New Zealand.
Inyuma ya Gallipoli, Abanyaustraliya bagwaniye
mugice co mu Burengero c’Ubufaransa. Aho niho
baronkeye akazina ko ari “Abimvyi” (diggers) kuko
bamaze igihe kirekire bimba ibinogo n’imikobeko.
Barongowe na kizigenza General John Monash, abo
bimvyi b’Abanyaustraliya baratsinze ingwano zitari nke
bagwanya Abadagi.
Abasoda b’abagabo n’abagore b’Abanyaustraliya
baragwanye no mu bihugu vy’abarabu, aho bafashije
mugukingira umugomero Suez no gufata Sinai.
Simpson n’indogobwa yiwe –
John Simpson Kirkpatrick
(1892 – 1915)
John Simpson
Kirkpatrick yari umusoda
kandi n’umunya
Australiya adasanzwe.
Nk’uwigenga, John
Simpson yarakoze
muri Gallipoli mugice
c’imiduga yunguruza
indembe, atwara
inderuzo. Vyari bigoye
gutwara inderuzo uca
mu misozi n’ibiyaya.
Ntiyakurikije amategeko y’igisoda mugukoresha
indogobwa yitwa Duffy, mugufasha gutwara
abasoda bakomeretse kubashikana ahatari
ingwano.
Kumara iminsi n’amajoro, amasaha n’amasaha,
baraheba amagara yabo bagendagenda hagati
y’ahari ingwano naho bari bacumbitse ku
nkengera z’ikiyaga.
Uwigenga John Simpson yashitse i Gallipoli itariki 25
Ndamukiza 1915. Yishwe n’abansi n’inkoho haheze
amayinga ane gusa. Abasoda bari aho ku kiyaga
barabonye umubabaro wa Duffy naho itavuga,
kandi yakomeje kujana uwari yakomeretse yihuta
gushika ku kiyaga, naho shebuja atari kumwe nayo.
Gallipoli mu gihe c’ingwano y’isi yose ya mbere
Igice ca 5 - Akahise ka Australiya yacu
63
Umugani wa Anzac
Umugenzo wa Anzac watanguye itariki 25 Ndamukiza 1915 aho ingabo za Australiya n’iza New Zealand
(arizo ANZAC) zashika i Gallipoli muri Turukiya.
Werekana intango yo guhimiriza yamaze amezi munani ikavamwo urupfu rw’abantu bashika 25 000
ushizemwo 8700 bishwe n’ibikomere canke n’izindi ndwara. Ubutwari n’umutima abagwaniye i Gallipoli
bari bafise nivyo vyashizeho uyo mugani none ‘Anzac’ yahindutse igice c’imvugo y’abanya Australiya
n’abanya New Zealand.
Mu 1916, haheze umwaka bashitse i Gallipoli, uyo munsi warahimbajwe muri Australiya, New Zealand
n’Ubwongereza, mbere n’abasoda bari bacumbitse muri Egiputa. Muri uyo mwaka itariki 25 Ndamukiza
niho bayise ‘Umunsi wa ANZAC’.
Mu 1920, ibirori vyo guhimbaza umunsi wa Anzac vyabaye muri Australiya yose, intara zica zishinga ko
uba umunsi mukuru w’igihugu. Ivyibutso vy’ingwano vyarubatswe kumirwa mikuru y’intara, ibindi mu
bisagara bikuru na bitoya mu gihugu cose ngo bibuke imikangara y’abagabo n’abagore bishwe muri izo
ngwano no muzakurikiye.
Muri iki gihe Anzac n’umunsi wo guter’iteka abo bose bakoze mu ngwano no muvyo gucungera
umutekano. Muvy’ukuri s’umunsi mukuru w’igisoda. S’iteka ry’intsinzi-I Gallipoli baratsinzwe-Uter’iteka
abasoda basanzwe n’abagore: Gushirahamwe, kwihangana, n’ukworosha ibintu imbere y’umwansi.
Ubu umunsi ‘ANZAC Day’ ihimbazwa muri Australiya no kw’isi yose. Abagabo n’abagore b’abanya
Australiya bagarutse bavuye mu ngwano y’isi yose n’izindi ngwano, n’abafasha gucungera amahoro,
n’abakukurutse bo mu bihugu vyafatanije, bose bahimbaza “Anzac day” babinezererewe.
Anzac Day Dawn Service i Gallipoli
64
Ubwenegihugu bwa Australiya: Igihuza abanyagihugu
Isubiranyuma ry’ubutunzi, 1929-1932
Isubiranyuma ry’ubutunzi cari igihe kigoye cane kubanya Australiya. Catanguriye rimwe n’isenyuka ry’ikigega
c’amafranga co muri Leta Zunz’Ubumwe za Amerika, ariko hariho n’ibindi vyatumye haba iryo subiranyuma. Ivyo navyo
ni nko gutakaza agaciro k’ibidandazwa njabukamazi, kugabanuka kw’ingurane zo mu mahanga n’ivyo Leta ikoresha
n’ukugabanuka kw’ivy’ubwubatsi. Nko hagati mu mwaka wa 1932, ibice 32 kw’ijana vy’abantu ntibagira akazi.
Ingaruka y’iryo subiranyuma kuri Australiya yar’iteye
agahinda. Nt’akazi kariho canke amahera yama yinjira
vyatumye benshi batakaza amazu yabo. Baba mu
mazu akozwe mu mahema, hakanye kandi badafise
n’ibikoresho vy’isuku bikwiye. Abagabo benshi barata
ingo zabo bakaja mu nzoga. Abana batangura kuva
mu mashule bagatangura gukora bafise imyaka 13-14.
Abagore bakora ubuzi bwo hasi cane, bagafatanya no
kurera abana no gukorera ingo bonyene.
Mu gihe gishira isubiranyuma ry’ubutunzi, Leta ya
Australiya ntiyari ifise integuro ifasha abadafise akazi.
Uretse ibiva mu nfashanyo n’ayandi mashirahamwe
yigenga, abakene ntakindi bikorako atari ubuzi buri
mu migambi ya Leta.
Ubutunzi bwatanguye guter’imbere muri 1932,
mugabo ivyononekaye mu miryango mu buryo butari
bumwe, ntivyashora gukira. Muri ico gihe, akaranga
k’abanya Australiya ko gufashanya no kwitanga
vyararushirije gukomera.
Ico bise “isupu yo mu gikono” mu gihe c’isubirinyuma ry’ubutunzi
(Great depression)
Sir Charles Kingsford Smith (1897 – 1935)
Sir Charles Kingsford Smith yari umushoferi w’indege aciye ubwenge,
imboneza mu batwar’indege n’incungu y’abanya Australiya.
Mu ngwano y’isi yose yambere, Charles Kingsford Smith yagwaniye I Gallpoli
atwara indege z’ingabo z’ubwami bw’Ubwongereza.
Ikintu cambere gihambaye yakoze kwabaye kujabuka inyanja Pasifike kuva
ahitwa Kaliforniya muri Amerika gushika muri Queensland muri 1928. Igihe
indege yar’atwaye ya ‘Southern Cross’ yashika muri Australiya, abantu bashika
25 000 bari baje gushengerera no gukeza imboneza yabo ‘Smithy’. Yarahawe
icubahiro muri 1932 ku bw’ivyo yakoreye igihugu mu vyo gutwara indege.
Muri 1935 habaye umubabaro ukomeye, igihe yaguruka ava mu Bwongereza
aza muri Australiya, agakoroka ntibigere bamenya irengero ryiwe.
Sir Charles Kingsford Smith bamwise umushoferi w’indege wa mbere kw’isi yose, baramwibuka cane
kuko yatumye abanya Australiya baronka incungu nyakuri mu bihe bigoye muvy’ubutunzi.
Igice ca 5 - Akahise ka Australiya yacu
65
Ingwano ya kabiri y’isi yose 1939-1945
Mu ngwano y’isi yose ya kabiri, abanya Australiya
bagwaniye mu bugararwa bwo muri Africa yo mu
buraruko no mu bindi bibanza, kuruhande rw’ibihugu
bifatanije urugamba. Muri Africa yo mu Buraruko,
bamaze igihe barwana barikumwe n’Abadagi
n’Abataliano mu gisagara citwa Tobruk. Abo babansi
babo bari babise ”imbeba zo muri Tobruk” (Rats of
Tobruk) kubera badya ico babonye cose kugirango
babeho. Abanyaustraliya barashoboye kubandanya
ingwano no mur’ico gihe kigoye, baca bariyemeza
gufata iryo zina. Muri iyo ngwano vyabonetse ko abo
bagwanyi baronse ubutwari bukwiye kuva mu ngwano
y’isi yose yambere igihe babita “abimvyi”. Abo basoda
rero kabaye akaranga bazosiga.
Ikintu gikomeye Abanyaustraliya bibukirako iyo
ngwano n’ingene Abayapani babafata nabi cane.
Naho izo mbohe z’Australiya zo mungwano zagerageje
gufashanya, intwazangabo zigafata abantu bose ko
bangana, ntivyabujije ko hapfa benshi.
Umunsi wo kwibuka (abitanze mu rugamba)
Co kimwe n’umunsi wa ‘Anzac’, umunsi wo kwibuka
n’umunsi Abanyaustraliya bibukirako abo bose
bagwanye bakagwa ku rugamba. Itariki 11 Munyonyo
(Ukwezi kw’11) uko umwaka utashe, isaha zitanu zo mu
gitondo, Abanyaustraliya barahagarika vyose bakibuka
kwitanga kw’abagabo n’abagore baguye ku rugamba
canke bacumukuriyeyo, n’abo bose bagize uruhara. Kuri
uyo munsi twambara udutambara dutukura.
Aho Abayapani batereye mu mazinga ya Pasifike,
inteko za Australiya zaciye zitaha. Ariko imbere yo
gushika babanje kuja gutabara amazinga ya Papua
and New Guinea. Ico gikorwa gihambaye cahawe
abasoda batamenyereye ingwano. Barwanije umwansi
mu mashamba no mu bidimbagu vyitwa “the Kokoda
Track”. Barashoboye guhagarika igitero c’aba Yapani
ari naco gituma the Kokoda Track yaciye yifatanya na
Anzac Cove i Gallipoli nk’ahantu h’icibutso.
Umusirikare yakomeretse mu nzira ya Kokoda afashijwe
n’umwikorizi w’Umupapwuwani”
Aho Aba Yapani bafatiye ikambi y’Abongereza muri
Singapore mu 1942, Abanyaustraliya 15 000 bari mu
bagizwe imbohe, baca bajanwa gukora aho bubaka
inzira ya galiyamoshi bita ”Thai-Burma“. Igihe bubaka
iyonzira ”Thai-Burma” barongowe n’aba Yapani
mu ngwano ya kabiri y’isi yose, ibihumbi n’ibihumbi
vy’Anyaustraliya n’Abongereza barahasize ubuzima.
66
Ubwenegihugu bwa Australiya: Igihuza abanyagihugu
Udutambara dutukura dukoreshwa nk’ikimenyetso co kwibuka, kuva
ingwano ya mbere y’isi yose ibaye
Ingabo zo kwivuna abansi za Australiya ziheruka
kuja mu ngwano muri East Timor, Iraki, Sudani na
Afganistani, kandi zirakorana na UN (ishirahamwe
ry’ama Leta yunze ubumwe) muvyo gucungera
umutekano mu bice vyinshi vy’isi, ushizemwo Afrika,
intara bita “Middle East” na “Asia-Pacific”.
Sir Edward ‘Weary’ Dunlop
(1907 – 1993)
Bamaze igihe gitoya mu makambi ariko bahigiye vyinshi
ku bijanye n’igihugu n’abakibamwo. Inyuma y’ingwano,
benshi bagarutse muri Australiya nk’abimuka.
Sir Edward ‘Weary’
Dunlop yari umuganga
abaga arinda kandi
yitaho abandi kandi
akaba incungu ya
Australiya.
Mu rwano ya 2 y’isi
yose, Weary, yari
umuganga abaga
w’umusoda. Hamwe
n’abagenzibe
yarafashwe n’abasoda
b’Abayapani babatwra muri Burma gukora
kw’ibarabara ry’indarayi rya Thai-Burma Railway.
Iki cari igikorwa kirikire kandi kitoroshe.
Ka bukomanda na muganga, Weary yategerezwa
guserukira abantu biwe kandi yamara amasaha
menshi. Muri iyo kampi bara mukubita cane ariko
akabandanya afasha.
Yarahimbajwe cane muri 1969 kubera ibikorwa
vyiwevy’ubuganga. Aho yapfa, abantu 10 000
bariyandagaje mu mabarabara ya Melbourne
bamuherekeje kumaziko w’uwo bise incunga
yataziriwe ‘The Surgeon of the Railway’.
Ukwimuka mu ntango za 1900
Hagati y’ingwano yambere y’isi yose n’iya kabiri,
amategeko yagabanya ivy’abimuka yagumyeho. Ariko
hariho igwirirana ry’abimuka cane cane abagabo bava
mu Bumanuko bwa Bulaya. Baza bazanye ubumenyi,
indero n’imico yabo. Baratereye agacumu k’ubumwe
mw’iterambere ry’amahinguriro yo mugihugu hagati,
barubaka amabarabara, n’amwe ya gari ya moshi.
Abahinga mu kubaza amabuye b’Abataliyano bagize
uruhara rumwe ruboneka mu kwubaka anyubakwa za
Leta n’ayandi mazu yo kubamwo.
Mu mpera za 1930, impunzi z’abayahudi niho
zatanguye kuza ziva i Bulaya. Baba bahunze aba
“Nazi “ b’Abadagi kuko babagirira nabi. Baza bavuye
mu Budagi, Austriya, Cekoslovakiya, Hungariya na
Polonye. N’impunzi zari zarize cane kandi zafashije
cane mw’iterambere ry’imico muri Australiya.
Ibihumbi cumi n’indwi vy’abasoda b’Abataliyano
bagizwe imbohe mu ngwano y’isi yose ya kabiri, bari
bapfungiwe mu mabohero y’abagizwe imbohe mu
ngwano muri Australiya. Bari bafashwe neza.
Umwimuka w’Umunyabulaya ashitse muri Australiya
Impunzi z’inyuma y’ingwano
Inyuma y’ingwano, Australiya yazanye abimuka
b’Abanyabulaya kugira bongereze igitigiri c’abantu.
Amamiliyoni y’abantu yarahunze aba ‘Nazi’ b’Abadagi,
canke badashobora gusubira mu bihugu vyabo kuko
vyari mu minwe y’Abarusiya. Abantu bashika 170 000
b’impunzi baremerewe kuza muri Ausatraliya ngo
batangure ubuzima bushasha.
Cari igihe Australiya ikenye abakozi. Leta ya Australiya
yari yizeye ko ukugwirirana kw’abantu ari nkenerwa
kuri kazoza k’igihugu. Abimuka bakuze, bafise
amagara meza bari munsi y’imyaka 45 barashobora
kuza muri Australiya barishe amafranga 10
y’Ubwongereza(£), abana babo nabo babatwara ku
buntu. Ariko no muri ico gihe hari hemerewe kuza
abava mu bihugu bigize Ubwami bw’Ubwongereza n’i
Bulaya.
Kugira Australiya iter’imbere, Leta yaciye itanguza
ibikorwa mu mugambi ukomeye muri 1949, wo
gutega amazi ava mu ruzi rw’ibarafu (Snowy River)
imbere yuko atemba aja mu nyanja mu Buseruko
bwa Victoria. Ayo mazi barayakevya agatemba
aja mu gihugu hagati kugira bavomere imirima no
kugira bayakoreshe mugukora umuyaga nkuba.
Wari umugambi uhambaye cane vyafashe inyaka 25
kugira uranguke. Abantu 70 kw’ijana bakora kur’uwo
mugambi bari abimuka.
Igice ca 5 - Akahise ka Australiya yacu
67
Imisozi y’Urubura n’Umugambi w’Umuyaga Nkuba Utangwa n’Amazi
Umugambi wo mu misozi y’ibarafu wabaye ikimenyetso c’akaranga ka Australiya nk’igihugu cigenga
c’imico itandukanye kandi gifise ubutunzi.
Niwo mugambi munini cane muri Australiya. N’umwe mu migambi minini kw’isi yose y’umuyaga nkuba
utangwa n’amazi.
Uwo mugambi utanga amazi akenewe cane ku mahinguriro y’uburimyi n’ubworozi vyo hagati mu
gihugu muri New South Wales na Victoria. Utanga 10 kw’ijana vy’umuyaga nkuba wose ukoreshwa muri
New South Wales.
Ibice bibiri gusa kw’ijana z’uwo mugambi w’imisozi y’ibarafu niyo iboneka hejuru kw’isi. Ugizwe
n’ingomero zikuru16, imashini z’umuyaga nkuba 7, ipompo n’ibilometero 225 vy’imiringoti.
Ibikorwa vy’uwo mugambi vyatanguye muri 1949 bihera muri 1974. Abantu barenga 100 000 baturuka
mu bihugu birenga 30 ni bo bakoze kur’uwo mugambi. 70 kw’ijana vy’abakoze kur’uwo mugambi
bari abimuka. Uwo mugambi uheze, benshimu bakozi baturuka i Bulaya baciye baguma ngaha muri
Australiya batanga intererano ikomeye mu vy’imico.
Imisozi y’Ibarafu iri muri “Kosciuszko National Park”, New South Wales. Ingaruka z’uyo mugambi
kubidukikije baravyihweje cane. Uwo mugambi watumye mubice bimwe bimwe vy’urwo ruzi rw’ibarafu
hasigayemwo igice 1 kw’ijana c’amazi rwari rufise kera.
Kuneza y’ibidukikije, Leta za Victoria na New South Wales zarumvikanye gusubiza urwo ruzi amazi
rwahorana gushika ku bice 28 kw’ijana.
Abakozi bo ku mugambi w’uruzi rw’ibarafu (Snowy Mountains scheme)
68
Ubwenegihugu bwa Australiya: Igihuza abanyagihugu
Uko Abasangwabutaka bafatwa
Mu myaka ya 1940 na 1950 amategeko ya Leta
ya Australiya ku ba Aboriginal yarahindutse
avuga ko bamera nk’abandi. Ivyo vyasigura ko
Abasangwabutaka bakwiye kubaho nkuko abatari
abasangwabutaka babaho. Ivyo rero ntivyashobotse
kuko abasangwabutaka ntibagomba guheba imico
yabo ya kera.
Mu myaka ya 1960, amategeko yarahindutse. Abagabo
benshi muri Australiya bararonse uburenganzira bwo
gutora muri1850, ariko gushika muri 1962, Leta Nkuru
ntiyahaye abasangwabutaka bose uburenganzira
bwo gutora. Mu kubakira, Aba Aboriginal bararonse
ukwishira n’ukwizana ariko bari bakibasaba
kwimenyereza imico nk’iyabandi banya Australiya.
Vyahavuye bihinduka muri 1967, aho Abanyaustraliya
barenga 90 kw’ijana batora “ego” kugira bemerere
aba aboriginal guharurwa muri rusansuma. Ayo matora
yabaye rurangiranwa mu makungu. Yerekanye ko
Abanyaustraliya benshi bifuza ko abasangwabutaka
baronka uburenganzira nkubw’abandi bose.
Iryo terambere ry’Abanyaustraliya mungeso
n’imyiyamirizo ikomeye y’Abasangwabutaka muri
ico gihe, vyabashikanye kw’itegeko ry’ubwigenge
bw’Abasangwabutaka muri 1970. Leta ya Australiya
yahavuye yemeza yuko abasangwabutaka bo
Australiya bazoronka ijambo mu vya Politike,
ivy’ubutunzi, ivy’imibano n’iterambere.
Kwimuka-Uko vyagiye birahinduka
Muri 1950 na 1960, amashirahamwe y’abanya Aziya,
amashengero n’iyindi mirwi, vyariyamirijje itegeko rya
‘White Australian”(Abanya Australiya bera).
Mu 1958, Leta ya Australiya niho yahevye gutanga
ikibazo co kwandika, muri 1966, bemeye ko haba
abimuka ‘batowe’ mu banya Aziya bafise ubumenyi,
n’abatari Abanyabulaya. Mu nyuma bahavuye bemera
gushiramwo abantu bava mu bihugu vyose mu
mugambi w’abimuka. Itegeko rya ‘White Australia’
ryavuyeho mu 1973, igihugu cari cinjiye mu nzira
y’imico rusangi.
Benshi mur’abo bari abanya Vietnam, ariko aba
Shinwa n’Abahindi baciye batangura kuza ari benshi.
Kuva muri 1975, Australiya yarakiriye impunzi zivuye
mubihugu biri mungwano, harimwo Bosniya na
Herzegovine, mu bihugu vy’abarabu no muri Afrika.
Ubu abimuka turonka bava kw’isi yose.
Australiya yabaye igihugu kigizwe n’ibihugu vyose;
yabaye intsinzi mw’iterambere. Kuva 1945, hamaze
kuza abantu bashika imiriyoni 6.5 muri Australiya.
Abarenga ¼ bavukiya mu mahanga.
Abimuka baratoye kuza muri Australiya kugira
dusangire ivyiza dufise. Barongereje ubutunzi
bw’ubuzima bw’Abanyaustraliya.
Ihuriro
Ubu Australiya n’igihugu c’imico itandukanye, aho
umuntu wese afise uburenganzira bwo gukora ibijanye
n’ivyo yemera no gukurikiza imico kama atarenze
amategeko, akubahwa kandi agakingigwa.
Australiya uyu munsi gifise itegeko rya ‘inclusion’,
aho umuntu wese wo mu bwoko ubwaribwo
bwose yiyunvamwo igihugu ciwe. Iryo tegeko rifata
ibice vyose vy’umuco wa Australiya. Riri mubigize
integuro zacu zo kwigisha kuva mubwana gushika
muri kaminuza, kandi turikoresha mu buzi no mu
mahinguriro.
Uburenganzira bw’uburinganire bw’abantu ata
gukumirana buhagarikirwa n’ishirahamwe ry’ubahiriza
agateka ka zina muntu bo n’ibisata vya Leta bibuza
gukumirana mu ntara zose z’igihugu. Gukumirana
bifatiye kumoko birahanwa icese kandi n’icaha imbere
y’amategeko.
Australiya rero yabaye ihuriro ry’imico mu
mahoro no kwihanganirana. N’igihugu abimuka,
Abasangwabutaka n’abandi b’imvukira, bumva ko
bafise uburenganzira bwo imigambi yabo mu mahoro.
N’ahantu ivyahora bitandukanya abantu, bashobora
kubisiga inyuma.
Muri 1973, Leta ya Australiya yarakuyeho inzitiro zose
z’amoko ku bimuka. Muri1975, inyuma y’ingwano
ya Vietnam, Australiya yarakiriye igitigiri kinini cane
c’impunzi n’abimuka baturuka muri Aziya.
Igice ca 5 - Akahise ka Australiya yacu
69
Dr Victor Chang (1936 – 1991)
Dr Victor Chang yar’umwe mu baganga bahambaye babaga umutima.
Victor Peter Chang Yam Him yavukiye mu Bushinwa mu 1936, yaje muri
Australiya afise imyaka 15.
Yakoze mu bitaro ‘St. Vincent’ i Sydney aho yatanguza mu 1984 ikigo ca mbere
muri Australiya gikora ivyo guha umuntu umutima wundi. Mu 1986 Victor Chang
yahawe impano yo hejuru cane ‘Companion of the Order of Australia’.
Victor yaratanguye gutegwa n’ubwoba ko hazokena abemera gutanga
imitima, aca atangura gucapa umutima. Yariko arawuheraheza igihe yicwa
muri 1991.
Baciye bashinga ikigo c’abarondezi bamwibukirako Yibukwa kubera ubumenyi
bwiwe, kwizera no guhimba.
Albert Namatjira (1902 – 1959)
Eddie Mabo (1936 – 1992)
Albert Namatjira
n’umwe mu banya
australiya babahinga
bahanitse yatanguje
ishure ryo gushushanya
tukigenderako n’ubu.
Eddie Mabo yari
inshigwarimenetse
n’umuvugizi
w’uburenganzira
bw’aba Aboriginal ku
butaka.
Nk’umusore w’umu
Arrernte, Albert
yarerekanye impano
mu gucapa akoresheje
irangi.
Ntamyimenyerezo yemewe yari yaragize,
ariko amasanamu yiwe y’igihugu ca Australiya
akoresheje amabara y’amazi’yari rurangiranwa
kandi yagugwa ningoga cane.
Be n’umugore wiwe babaye aba Aboriginal
bambere muri Australiya boronse ubwenegihugu.
Vyasobanurwa ko bashobora gutora, kwinjira mu
mahoteri no kwubaka inzu aho bagomvye hose.
Ubwenegihugu bwa Albert bwaragaragaje ingene
abandi ba Aboriginal badafise ubwo burenganzira.
Ubuzima bwiwe bweretse abatari
Abasangwabutaka ba Australiya agahotoro
n’amacakubiri vyaranga amategeko, kandi
vyarafashije mw’ihindurwa ry’amategeko ku ba
Aboriginal.
70
Ubwenegihugu bwa Australiya: Igihuza abanyagihugu
Eddie Koiki Mabo
yavukiye mw’izinga
rya Murray, mu ntara
kavukire y’umuryango
w’aba Mabo. Kuva
mu buto bwiwe
baramwigishije ibiti n’ibitandara vy’amabuye
vyerekana imbibe z’itongo ry’umuryango wiwe.
Haheze igihe kirekire, Eddie niho yamenye ko
intara yabo igengwa n’amategeko ya Australiya,
ko itacegukira umuryango wiwe. Ishavu ryiwe
yaciye arishira mu ngiro, aritwara muri Sentare
aserukiye abanyagihugu bo mw’izinga Murray.
Muri 1992, inyuma y’imyaka myinshi, Eddie
yaratsinze urubanza muri Sentare ntahinyuzwa.
Intahe ya Mabo itegeka yuko namba
Abasangwabutaka bafise ivyemeza vyo muri
kahise vyerekana ko hari imigenzo ibafatanya
n’isi, bashobora gusaba gukomorerwa iyo ntara
nimba ata bandi iregukira. Iyo ngingo yatumye
igice kinini c’intara gisubizwa beneco bambere.
Eddie Mabo bamwibukira ku butwari bwiwe
mu gutsindira uburenganzira ku ntara
z’Abasangwabutaka ba Australiya.
Abasangwabutaka - Ivyahindutse mu
myaka 20
Imyiyamirizo y’aba Aboriginal kuvyerekeye
uburenganzira k’ubutaka yagiye kuja ahabona muri
1960 ihereye kumyiyerekano yitiriwe Gurindji ku
ruhongore rwitwa “Wave Hill” mu bice vy’intara za
“Northern Territory”. Abungere b’aba Aboriginal,
barongowe na Vincent Lingiari, barahagaritse akazi.
Ivyo biyamiriza vyari vyerekeye imishahara n’uburyo
bakoreshwa, ariko vyahavuye bihindukamwo
gusaba uburenganzira ku matongo. Iyo migumuko
yaciriye inzira Eddie Mabo n’abandi, mukugwanira
uburenganzira bw’Abasangwabuta ka ku matongo.
Uyu munsi uruhara ruhambaye rw’abasangwabutaka
mu karanga ka Australiya rwaremejwe kandi
rurahimbazwa. Aba Aboriginal n’aba Torres Strait
Islander bafise ibibanza bikomeye mu bakora akazi
k’inguvu, harimwo no mu butungane, politike imyuga
n’inkino. Integuro “MARVIN” yatangujwe n’aba
Aboriginal muvya “digital animation” yaratsindiye
impano nyinshi kandi irakoreshwa mu nyigisho no mu
budandaza mu bihugu birenga 20 vyo kw’isi.
Hakurikijwe ingingo z’Uburenganzira ku Matongo
y’abitwa “Aboriginal” (Northern Territory) yashinzwe
n’itegeko rya 1976, abitwa ‘Aboriginal people’
barakomorewe intara nini zo hagati muri Australiya. Mu
ntango za 1990, ingingo Mabo ya Sentare Ntahinyuzwa
n’iitegeko ry’amatongo y’iragi (Native Title Act) ryo muri
1993 yemeza ko Abasangwabutaka batarira busema
mugusaba gukomorerwa amatongo yabo bisunze
amategeko y’akaranga kabo. Ibice 10 kw’ijana vy’ubutaka
bwa Australiya ubu bibamwo imvukira. Aho haracariho
akaranga n’imico vya kera. Imico y’Abasangwabutaka
ikomeza iter’imbere kandi benshi barayishima.
Muri Rusama 1997, raporo yiswe ”the Bringing them
home“ n’ukuvuga “kugarukanwa muhira” yarizwe
mu nama nshingama - teka ya Australiya. Iyo raporo
yari inyishu ku cegeranyo c’itohozwa ryagizwe ku
gitigiri kinini c’abana bab’Aboriginal n’aba Torres
Strait Islander bakuwe mu miryango yabo. Abo bana
bazwi nk “Urwaruka rwibwe” (Stolen generations).
Inyishu kuri iyo raporo, yabaye yuko abanya Australiya
ibihumbi bashigikiye benewabo b’Abasangwabutaka
mu rugendo bagize ku munsi wambere mu igihugu
cose w’ ‘imbabazi’ (Sorry Day) mu 1998.
Imbabazi ku rwaruka rwibwe, 2008
Itariki 13 Ruhuhuma 2008, Umushikiranganji wa mbere
yarasavye imbabazi z’igihugu cose ku rwaruka rwibwe
mu nama nshingamateka ya Australia. Yavuze mu
kibanza c’abanya Australiya bose. Yasavye imbabazi
k’uburyo Abasangwabutaka ba Australiya bafashwe
nabi aho hambere na cane cane kugene abana
b’Abasangwabutaka bonkorwa ku bavyeyi babo.
Iryo jambo yarishikirije ku ma radiyo n’amateleviziyo
vyose. Isinzi ry’Abanyaustraliya bari bakoraniye hamwe
mu bibanza rusangi abandi aho bakorera kugira
bumvirize ijambo ryo gusaba ikigongwe ‘Sorry speech’.
Iryo jambo ryaratonda akarenganyo kabaye mu
gihe giheze, rigatako rigasabako ikigongwe. Iyo yari
intambwe ikomeye mugukira kw’Abasangwabutaka
no kwiyemeza ko akarenganyo nk’ako katazosubira.
Ijambo ry’ikigongwe ryabaye intambwe ikomeye
kw’iterambere rya Australiya.
Umwanditsi wo mu bicu yanditse “Mbabarira” (Sorry) hejuru ya Sydney
Mu gusozera
Izi nyigisho zabahaye agace gatoya kuri kahise
k’abanya Australiya. Mushobora gusanga ubumenyi
muhakuye bubuguruye amaso ku bibakikije.
Mushobora gutangura muza muraraba amatariki
yanditse ku nyubakwa za kera mugashobora
kuyiyumvira muri kahise, igihe yubatswe. Ni
mwahabwa agatambara ko kwambara itariki
11 Munyonyo, muzomenya ko ari icibutso
c’abagabo n’abagore baguye ku rugamba. Muhuye
n’Abasangwabutaka, uzomenya ko hari imigenzo
y’akaranga ka kera bisunga. Turabahamiriza rero
kwongereza ubumenyi bwanyu mukoresheje uburyo
buriho no mugutembera. Uko mumenya vyinshi ni ko
mubona vyinshi.
Turaguhay’ikaze ku bwenegihugu bwa Australiya,
kandi turagutumiye kwitanga mu kwubaka igihugu
c’amahoro na demokarasi.
Igice ca 5 - Akahise ka Australiya yacu
71
Insiguro y’ibice batabaza
uwuserukira abantu canke igihugu
umuntu aserukira canke ashirimbere igihugu canke akazi kiwe
umurwi w’abantu
umurwi w’abantu batowe kugira bafate ingingo, nk’arorero zerekeye ukuntu ishirahamwe
ryo tunganywa
ishure rifise indaro
ishure aho abanyeshure baba kw’ishule kandi ntibashobore gusubira i muhira igice c’icirwa cose
ishamba
intara zo hagati y’Australiya ziraca nshaha
amararo y’inka
ifereme nini aho inka ziragirwa kugira bazozirwize
ico bita “Charter”
inyadiko zitomora uburenganzira n’ivyo umuntu wese ashinzwe
umuryango
akagwi k’abantu, bafitaniye ubucuti bw’amaraso canke bw’abubatse, basangiye intara
ico abantu bahurujeko
ahantu banama rimwe
abasoda bita “conscript”
umusoda atatoye kuja mu gisirikare, ariko akaba yategetswe kuja mu gisirikare mu gihe c’intambara
Intara y’umwami
intara ya leta
ico bita “curriculum”
ibiri mu vyirwa
Umukene
Kutagira amahera canke ntugire uburyo bwo kuronka amahera
didgeridoo
igicurarangisho c’abantu bita “Aborigene” b’Aba Australiya gikozwe mu muroha w’igiti
ico bita “fair go“
uburyo buhagije canke bukwiye baha umuntu uwariwe wese kugira agire nawe ico amara
gukorera hamwe
gukorera hamwe mwese, ariko ukaraba ko bose bamerewe neza, bagakorera hamwe bose
abapfasoni n’abashingantahe baguye k’urugamba
abapfasoni n’abashingantahe baguye mu rwano canke k’urugamba
guhingura
gukora canke kurema
Ico bita “Gross Domestic Product”
igiciro biguzi vyosi n’ibindi bidandazwa vyo mu gihugu cose mu mwaka
intuguta ikomeye
igihe hashushe cane birenga iminsi ibiri vyikwirikirana
ukumenja
amakosa akomeye cane biba bitegekanijwe gutembagaza intwaro ya leta
72
Ubwenegihugu bwa Australiya: Igihuza abanyagihugu
ikimenyetso cerekana ibicapo vy’Abasangwabutaka
ubuhinga bwisangijwe kandi bwerekana uko Abasangwabutaka bameze
isi
ikirere c’isi
ibimenyetso bikomeye
urubanza ruhambaye muri kahise k’igihugu
itongo ry’iragi
uburengenzira Abasangwabutaka bafitiye amatongo n’amazi vyemejwe muri mategeko y’Australiya
akahise bamenyesha mu majambo
akahise k’abantu kerekana ivyabaye kera
umwimuka w’imboneza
umwe mu bimuka bambere, uwagerereye rukaguma mu minsi ya mbere y’ubukoloni
uguserukirwa n’abandi mu vya politike
uguserekirwa mu namanshingamateka n’umuntu ari mu vya politike
ico bita “reserve”
igice c’amatongo Leta yabikiye Abasangwabuta ngo babemwo
igihano
iminsi yaciriwe umunyakibi kugira yishure akabi yakoze
kugena imishara
gufata ingingo yerekeye amahera abakozi bofata bijanye n’akazi
uguhindura ubuzima bw’abanyagihugu
uguhindura bukebuke ivyerekeye ubuzima bw’abanyagihugu, utabanje gusenya leta
amaziko yarishwe na leta
amaziko ahagarariwe na Leta kugira bashimire umunyagihugu yakoreye bikomeye igihugu
urugo rwo kwikingira
urugo rwo kwikingira rwubatswe mu b’ikingi n’ibirindi vy’ibiti
abungere
abantu bahawe akazi kukuragira inka
uguhagarika akazi
igihe abanyakazi bahagaritse gukora, akarorero, iyo bagomba guhakana ivyategetswe n’umukoresha
amatora yo k’umugaragazo
uburengenzira bwo gutora k’umugaragazo
kurahira
kwemererwa gukora mu kazi ka leta biciye mu birori
kwemererwa ko ikintu kizoskikirizwa mu nama
kwemererwa ko ikintu kizoskikirizwa mu nama canke mu nama nshingwamateka ngo cemerwe,
akarorero iraporo yarashikirijwe ngo yemerwe
amamuko
umuryango w’umuntu, amamuko, akazi, ikibanza
Insiguro y’igice batabaza
73
Wifuza izindi nyigisho
Ubwenegihugu bwa Australiya
Kugira uronke izindi nyigisho zerekeye ingene ushobora kuba umunyagihugu wa Australiya, ca kuri website y’
Ubwenegihugu bwa Australiya kuri www.citizenship.gov.au.
Australiya
Urashobora kuronka izindi nyigisho kuvyerekeye Australiya mu kibanza basomeramwo ibitabo c’ahuherereye. Izi
website zikwirikira zirashobora nazo nyene kuguha izindi nyigisho:
• Australia mu nca make
www.dfat.gov.au/aib
• Umuco n’ibibanza bakiniramwo
www.cultureandrecreation.gov.au
Imigambi n’ibisata vya Leta ya Australiya
Urashobora kuronka izindi nyigisho ku vyerekeye amaprogramu n’amashirahamwe ya Leta y’Australiya
www.australia.gov.au.
Umushingamateka canke Umukenguzamateka wa Leta nkuru
Umushingamateka canke Umukenguzamateka wa Leta y’intara canke igice c’intara yawe barafise.
Urashobora kuronka amazina yose y’Abashingamateka n’abakenguzamateka ahakurikira www.aph.gov.au.
Amashirahamwe ya Leta ya Australiya
Urashobora kuronka izindi nyigisho ku vyerekeye amashirahamwe ya Leta:
• Igisirikare ca Australiya (Australian Defence Force)
www.defence.gov.au
• Komisiyo ijejwe amatora ya Australiya
(Australian Electoral Commission)
www.aec.gov.au
• Polisi ya Leta nkuru ya Australiya (Australian Federal Police)
www.afp.gov.au
• Komisiyo ijejwe uburengezira bw’abantu
(Australian Human Rights Commission)
www.humanrights.gov.au
• Komisiyo ijejwe ivy’ubunonozi muri Australiya
(Australian Sports Commission)
74
www.ausport.gov.au
• Ibiro vy’ikoro vy’ Australiya (Australian Taxation Office) www.ato.gov.au
• Icibutso c’ingwano ca Australiya (Australian War Memorial)
www.awm.gov.au
• Ibanki nkuru ya Australiya (Reserve Bank of Australia)
www.rba.gov.au
Ubwenegihugu bwa Australiya: Igihuza abanyagihugu
Amashirahamwe ategamiye Leta
Urashobora kuronka izindi nyigisho ku vyerekeye amashirahamwe ategamiye Leta ziri muri kano gatabo muiye
kuri aya mawebsite:
• Bradman Foundation Australia www.bradman.com.au
• Hamlin Fistula International www.fistulatrust.org
• Royal Flying Doctor Service of Australia www.flyingdoctor.net
• School of the Air www.schoolair-p.schools.nsw.edu.au
• Snowy Mountains Hydro-Electric Authority www.snowyhydro.com.au
• The Fred Hollows Foundation www.hollows.org.au
• UNESCO World Heritage Centre whc.unesco.org
• Ishirahamwe Nkuzamakungu (United Nations)
www.un.org
• Victor Chang Cardiac Research Institute www.victorchang.edu.au
• Volunteering Australia www.volunteeringaustralia.org
Ibindi
Raba izi website zikwirikira nimba mwifuza izindi nyigisho zijanye n’ivyirwa bikwirikira:
• Australian Constitution (amategeko ya Australiya)www.aph.gov.au/senate/general/constitution
• Australian of the Year Awards
(Agashimwe kitiriwe umunya Australiya)
www.australianoftheyear.org.au
• ‘Bringing them home’ report Raporo bise ”Bringing them home”
www.humanrights.gov.au/social_justice/
bth_report/index.html
• Amashamba n’ayandi matongo yabitswe ya Australiya
www.environment.gov.au/parks/index.html
• Famous Australians: The Australian Dictionary of Biography Online Edition
http://adbonline.anu.edu.au/adbonline.htm
• Urutondo rw’amategeko bashikirije Inamanshingamateka
www.aph.gov.au/bills/index.htm
• Inamashingamateka ya Australiya www.aph.gov.au
• Ibiro vy’inamashingamateka bijejwe inigisho
www.peo.gov.au
• Iminsi yo kuruhuka yagenywenaLetawww.australia.gov.au/topics/australianfacts-andfigures/public-holidays
• Ico bise “Apology to the Stolen Generations” (Ugusaba ikigongwe ku Bantu bibwe)
www.abc.net.au/news/events/apology/text.
htm
Wifuza Izindi nyigisho
75
Abashimiwe
Izi sanamu zaratanzwe k’ubuntu na National Archives of Australia:
p42 – Abana bari aho baragiye intama NSW – School of the Air, ifoto yafashwe muri 1962 (ref: A1200:L42511)
p51 – Abategetsi – Dick Smith, Chairman of Civil Aviation Authority, 1991(ref: A6135:K23/5/91/1)
p56 – ikarata ya Tasman ya Australia, 1644 (ref: A1200:L13381)
p59 – Amafoto y’akataraboneka y’igihe c’ukwirukira inzahabu muri Australiya muri 1851 (ref: A1200:L84868)
p60 – ‘Abanyafuganistani’ n’ingamiya zabo bariko batembera mu ntara hagati ya Australia (ref: A6180:25/5/78/62)
p67 – Abategetsi – Sir Edward ‘Weary’ Dunlop mu biro vyiwe, 1986 (ref: A6180:1/9/86/12)
p67 – Ukwimuka – Abimuka bashitse muri Australiya – Italian Abakozi bo mu mirima y’imisigati k’ubwato bwitwa
Flaminia mu ri Cairns, 1955 (ref: A12111:1/1955/4/97)
Izi sanamu zaratanzwe k’ubuntu na “National Library of Australia”:
p18 – Abantu bari biyamamaje bakoranye ngo bumvirize umuvugizi w’Inamashingamateka aho biyamiriza ingwano
ahitwa i Garema Place, Civic, Canberra, 15 ukwezi kwa Ruhuhuma, 2003, ifoto yafashwe na Greg Power
(ref: nla.pic-vn3063592)
p44 – Isanamu ya Judith Wright, yatangajwe muri 1940s (ref: nla.pic-an29529596)
p52 – Abakenyezi b’Abanyaustraliya bariko bararamukanya n’intwaramiheto mu gihe bari bararuhuka mu ntara
yitwa Aceh, muri Indoneziya inyuma y’ikiza bise “tsunami”, itariki 30 ukwezi kwa Kigarama 2004, ifoto
yafashwe na Dan Hunt (ref: nla.pic-vn3510861)
p56 – Umurwi w’ubwato bwa mbere muri Sydney Cove, itariki 27 y’ukwezi kwa Nzero, 1788, vyasubiwemwo John
Allcot 1888 – 1973 (ref: nla.pic-an7891482)
p57 – Igicapo ca Caroline Chisholm, casohowe na Thomas Fairland 1804 – 1852 (ref: nla.pic-an9193363)
p58 – Aho Burke na Wills basubira ahitwa Coopers Creek, vyasubiwemwo na Nicholas Chevalier 1828 – 1902
hanyuma bisohorwa muri 1868 (ref: nla.pic-an2265463)
p61 – Igicapo ca Catherine Helen Spence, casohowe muri 1890s (ref: nla.pic-an14617296)
p63 – John Simpson Kirkpatrick ni indogobwa yiwe, Gallipoli, 1915 (ref: nla.pic-an24601465)
p65 – Igicapo ca Sir Charles Edward Kingsford Smith, casohowe hagati ya 1919 na 1927 (ref: nla.pic-vn3302805)
p70 – Igicapo ca Albert Namatjira ku misiyoni ya Hermannsburg, Northern Territory, casohowe muri 1946 canke
muri 1947 na Arthur Groom (ref: nla.pic-an23165034)
Amasanamu cumi nane y’ibibanza vyerekana akahise mw’isi yosi yatanzwe n’ubushikiranganji
bujejwe ibidukingiriye, Amazi, Akahise n’Ubuhinga n’abandi bantu bakwirikira:
p40 – Ifoto y’ivyo bita “Australian Fossil Mammal Sites” yafashwe na Colin Totterdell
p40 – Ifoto y’amashamba bita “Blue Mountains National Park“ yafashwe na Mark Mohell
p40 – Ifoto ya Fraser Island yafashwe na Shannon Muir
p40 – Ifoto ya Gondwana Rainforests of Australiya yafashwe na Paul Candlin
p40 – Ifoto ya Kakadu National Park yafashwe na Sally Greenaway
p40 – Ifoto ya Lord Howe Island yafashwe na Melinda Brouwer
76
Ubwenegihugu bwa Australiya: Igihuza abanyagihugu
p40 – Ifoto ya Macquarie Island yafashwe na Melinda Brouwer
p41 – Ifoto ya Purnululu National Park yafashwe na Rod Hartvigsen
p41 – Ifoto ya Royal Exhibition Building na Carlton Gardens yafashwe na Michelle McAulay
p41 – Ifoto ya Shark Bay photograph yafashwe na Kelly Mullen
p41 – Ifoto ya Tasmanian Wilderness yafashwe na Nicola Bryden
p41 – Ifoto ya Uluru-Kata Tjuta National Park yafashwe na Andrew Hutchinson
p41 – Ifoto ya hitwa “Wet Tropics” ya Queensland yafashwe na Colin Totterdell
p41 - Ifoto ya Willandra Lakes Region yafashwe na Mark Mohell
Amafoto akwirikira yatanzwe k’ubuntu na iStockphoto:
Urupapuro rutangura – Wattle, ©iStockphoto.com/Ressy (ref: 3322510)
p14 – Ico bita “Australian black opal”, ©iStockphoto.com/Alicat (ref: 8323912)
p22 – Inyubakwa y’inamanshingamateka, ©iStockphoto.com/Tim Starkey (ref: 2256743)
p22 – Ico bita “Gavel na book”, ©iStockphoto.com/Dem10 (ref: 2397687)
p27 – Ibiceri ku mapuro zerekeye umutungo, ©iStockphoto.com/Robyn Mackenzie (ref: 2335549)
p27 – Inyandiko za muganga, ©iStockphoto.com/Carlos Arranz (ref: 6498434)
p38 – Ikengera z’ikiyaga bita “Bondi Beach”, ©iStockphoto.com/Edd Westmacott (ref: 3048786)
P38 – Ico bita Kings Canyon, @istockphoto.com/Francois Marclay (ref:5733853)
p51 – Gusaba amatongo y’ivyuma n’ubundi butaka, ©iStockphoto.com/Christian Uhrig (ref: 9819736)
p54 – Didgeridoos, ©iStockphoto.com/Adam Booth (ref: 834207)
p55 – ubuhinga bw’amabuye y’Aborigene – Saratoga fish, ©iStockphoto.com/Alpen Gluehen (ref: 2761924)
Ayandi masanamu yose yatanzwe k’ubuntu n’amashirahamwe/abantu bakwirikira:
p8 – U
burembo bw’ amabara berekana hasi hacafye ibigazi vya Burrawang, Murramarang National Park, NSW,
ifoto yafashwe na Dario Postai
p20 – ifoto y’umuntu berekana ariko aratora yatanzwe na “Australian Electoral Commission” yo muri
p24 – Itegeko ryo muri 1900 ryemeza amategeko ngenderwako ya Leta ya Australiya: ikopi yivyafashwe ahabona,
amafoto yafashwe na Gifts Ivyatunganijwe n’ico bita “Parliament House Art Collection”, Ubushikiranganji
bujejwe ivyerekeye ibikorwa vy’inamashigamateka, Canberra ACT
p27 – Ifoto y’abana bicaye k’umurongo ya Getty, amafoto yafashwe na Mel Yates
p28 – Isanamu ya “High Court” (Sentare ntahinyuzwa) yatanzwe na “High Court ya Australiya
p40 – Isanamu ya Big Ben Heard Island yatanzwe “Australia Antarctic Division © Commonwealth of Australia,
yafashwe na L. E. Large (ref:1892A2)
p40 – Isanamu ya Great Barrier Reef yatanzwe na Great Barrier Reef Marine Park Authority
p41 – Isanamu ya Sydney Opera House yatanzwe na City of Sydney, yafashwe na Patrick Bingham-Hall
Abashimiwe
77
Abashimiwe
p43 – Abakinyi ba ekipe yumurwi w’umupira w’amaguru w’abakenyezi wa Australiya (Matildas) amasanamu
yatanzwe na Komisiyo y’inkino ya Australiya
p44 – Isanamu ya Sir Donald Bradman yatanzwe na Bradman Museum ya Cricket. Sir Donald Bradman yambaye
ikofero ya “Australian Test” yafashwe mu nkino zabaye muri 1931-32
p45 – Isanamu ya Professor Fred Hollows yatanzwe na Fred Hollows Foundation, yafashwe na Frank Violi
p50 – Ibirori vy’umwaka musha i Sydney Harbour ifota yatanzwe n’umuji mukuru wa Sydney
p52 – Isanamu ya Dr Catherine Hamlin AC yatanzwe na n’icobita Hamlin Fistula Relief na Aid Fund.”
p61 – Lord Lamington ashikiriza ijambo itsinzi y’abantu k’umunsi bitiriye “Federation Day”, Brisbane, 1901, ifoto
yatanzwe na Inzu basomeramwo y’intara ya Queensland, photograph yatanzwe na H.W. Mobsby
(ref: 47417)
p65 – Ifoto yerekeye aho bafata isupu mu gikoni yatanzwe n’ Inzu basomeramwo y’intara ya New South Wales
(Mitchell Library). Abana bo kw’ishule batonze umurongo ngo baronke isupu n’umukate, Belmore North
Public School, NSW, Itariki 2 Ukwezi kwa Myandagaro 1934, yafashwe na Sam Hood (ref: H&A 4368)
p66 – Ifoto ya Kokoda Track yatanzwe na “Australian War Memorial” (ref: 014028)
p66 – Ico bita “Red poppies” muri ”Australian War Memorial”, ifoto yafashwe na Torie Brims
p70 – Ifoto ya Dr Victor Chang yatanzwe na “Victor Chang Cardiac Research Institute”
p70 – Isanamu ya Eddie Mabo yasiwemwo bahawe uruhusha na Bernita na Gail Mabo
78
Ubwenegihugu bwa Australiya: Igihuza abanyagihugu

Similar documents